Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwarafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyo kwubaka idigi k’uruzi Rusizi vyari vyatangujwe n’imvukira. Ubushikiranganji bugashikiriza ko hatisunzwe ivyigwa. Ibikorwa bigitangura abanyagatumba bakaba bari biruhukije.
Inyuma y’igihe kitari gito abanyagihugu bo muri zone Gatumba batewe n’imyuzurira iturutse k’uruzi Rusizi bamwe bagateshwa izabo, amazu n’ibindi bikahononekarira, bamwe barimutse baja kuba mu bundi burere ariko hariho abandi bagumye muri ako gace n’ubwo bavuga ko bitari vyoroshe kuhaba, ku mvo zuko amazi yari yabateye mu mazu.
Abo banyagatumba bavuga ko bagerageje kwitura inzego zibijejwe ariko baronka inyishu yuko atamahera ahari yo kwubaka iyo digi ku ruzi Rusizi .
Bamaze kuronka iyo nyishu zimwe mu mvukira ziba mu mahanga zakoranye n’abanyagihugu bari bagerageje kubaka iyo digi ariko ntivyashimwa na reta kuko reta ivuga ko hatizwe ingaruka vyobikorwa vyogira kubidukikije hamwe n’uko hohava haburizwamwo utwigoro twa reta kwim ura abo banyagihugu mbere ahubwo n’abimuriwe mubindi bice bagahava bagaruka.
Kubera ivyo kuva ku wa 16 Nyakanga 2024 ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwahavuye busohora itangazo ribuza ivyo bikorwa vyo kwubaka iryo digi kuko ataruhusha babifitiye.
Inkuru Yanditswe avec Sonia Vyamungu hampwe avec Morlin Mpayano

















