UncategorizedInkino

Team Saido igiye guhura na Team Selemani

Abahoze ari ba kizigenza b’intamba mu rugamba aribo Saido Ntibazonkiza hamwe na Ndikumana Yamin Selemani batunganije urukino rwa kivandimwe .

Saido Ntibazonkiza azoba afise abakinyi biwe na Seleman Ndikumana afise abiwe .

Ni urukino rutegekanijwe kuba Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 22 Rusama 2020, Isaha icenda 15h30 Ku kibiga c’Intwari, ni urukino ruza gukurikira uruzoba rwatanguye rwo mu cicaro ca kabiri ruzohuza umugwi Muzinga Fc hamwe na Rumonge Fc.

Kwinjira hakazorihwa amahera,bivanye n’uko amahera azoboneka azoca afasha abanya Gatumba bashikimwe n’umuzura w’amazi .

Ibiciro vyo kwinjira bikaba ari ibi bikurikira:

– Pourtour ni : 500fb
– Tribune A na D: 2000fb
-Tribune B na C: 5000fb
– V.I.P: 20.000fb

Kaze mwese dushigikire bene wacu b’abanya Gatumba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55