homepage

Sat-b , Fabelove, Natacha na Emery Sun boba barabeshanye kuvyo baheruka kuvuga?

Mu giteramo Karabarya, Sat-b, Emery Sun, Fabelove na Natacha bose bemeje ko ata kibazo bafitanye, ahubwo ko bagiye gukorera hamwe gusumba. Kwoba ari ukuri? Reka umwanya uzobitubwira.

Biragoye kwemeza ko yari inkinamico, ariko nkuko Sat-b yigeze kjbishikiriza ngo iyo bagiye hamwe bakumvikana birashoboka ko batuma ibikorwa vyabo bimenyekana biciye mu gukina urukino rwo kwankana.

Igenekerezo rya 27 nzero mu kanyosha, Sat-b yeretse abantu bari mu giteramo citiriwe Karabarya, abantu batari ku rupapuro ndangagiteramo -Affiche-. Muribo hakaba harabonetsemwo Natacha, Emery Sun co kimwe na Fabelove.

Abo Bantu Bose bakaba berekanye ko ata kibazo bafitanye, Natacha we akaba yahavuye amuha ku mugaragaro amafaranga angana n’500,000 vy’amarundi. Nayo Emery sun we avuga ko uyu mwaka abafise amafaranga batazokanga Abafise ubwenge, abo nabo ngo ni be na Sat-b.

Abo bose bafise indirimbo baririmbaniye, amajambo bavuze kuri bagenzi babo ku mbuga ngurukanabumenyi, bikaba bigoye kwemera ko ivyo bavuze bagiye kubishira mu ngiro, kuko basanzwe bamwe bamwe bihindukana nk’inzoka zo mu nda.

Mukibuka ko Sat-b yaheruka kuvugira micro ya indundi ko Emery sun na Fabelove ata bikorwa afise vyotuma abahemba amafaranga y’umurengera ngo baje mu giteramo, ahubwo ngo yobaha akantu basanzwe gusa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686