Inkino

Musongati Fc yatwaye igikombe ca mbere inyuma y’imyaka 56 ishinzwe

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2020, isaha icenda 15h00 Ku kibuga c’urukundo kiri i Ngozi komine mwumba ahitwa Buye niho imigwi ya Musongati na Rukinzo yakina urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi igikombe kikaba caraye gitahukanywe na Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega.

Musongati Fc niwo watanguye kwinjiza igitsindo ca mbere biciye kuri Kireko Yves mu nyuma kigomborwa na Derick igice ca mbere kirangira iyo migwi inganije 1-1.

Igice ca kabiri imigwi yose yasa nkiyinganya inguvu iminota 45 y’igice ca kabiri ibona kurangira iyo migwi inganije igitsindo 1-1 , mu nyuma yaho baciye bongera iminota 30 ya Prolongation nayo nyene irangira banganije niho guca batera za Penariti Musongati yinjiza 5 kuri 4 za Rukinzo iba itwaye igikombe cayo ca mbere kuvaho ushinzwe mu mwaka wa 1944.

Musongati Fc ikaba ariyo izoca iserukira Uburundi mu magihanwa ya CAF conféderation Cup mugihe Messager Ngozi yatwaye igikombe ca Primus league Burundi ariyo izoserukira Uburundi mu mahiganwa ya CAF Champions League ya Afrika

Urukino rwose worurabira ngaha kuri Indundi TV 👇🏿👇🏿👇🏿

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037