homepage

Harmonize umwotsi ushobora kumukorako

Baramutse basanzwe atari umwere, Harmonize ngo azoshikira mu gasho aganutse avuye mu mahanga iyo ari muri kino gihe.

Mu gihe Harmonize ari inyuma y’igihugu, uwo muririmvyi asigaye avuga rikijana mu muziki muri afrika y’ubuseruko ngo ashobora gushika muri Tanzania agashikira mu gasho. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Paul Makondo umukuru w’igisagara ca Dar es Sallam muri Tanzania.

Aho uwo mukuru yariko aganira n’abaririmvyi kuri uyu wa 31 nzero, i dar, yamenyesheje ko yasavye umwe mu batware muri Ghana ngo amurabire nimba umwotsi abona ku mbuga ngurukanabumenyi za Harmonize ari urumogi canke atarirwo.

Nka hamwe vyosanga ari urumogi ngo azoca ashikira mu gasho. Igituma ngo nuko azoba ariko yerekana isura mbi ya Tanzania, mu gihe igihugu ubwaco kiriko kirwana n’uko ibiyayuramutwe vyozimangana muri ico gihugu.

Uwo mutware akaba amaze gufungisha abatari bake muri urwo rugamba rwo kurwanya ibiyayuramutwe Leta ya Tanzania imaze igihe. Mukibuka abakinyi b’amareresi nka Wema Sepetu, abaririmvyi nka TID bahamagawe imbere y’ubutungane ngo bisigure ku birego baregwa.

Bikaba bikigoye kwemeza nimba azoshikira mu gasho aganutse mu gihugu ca tanzania, canke ko bazosanga ari umwere, ubona ko adahari ngo bagire ibipimo bitandukanye kuriwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686