BurundikirundiSpirituality and progressUncategorizedUrwevu

Urwevu: Bimwe mu vyo umutware wese( Leader) yoza arazirikana.

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uko yobivamwo

Nk’umuntu rero yagize amahirwe y’ukuyobora abandi, n’ukuvuga ko ahiriwe. Uwo muntu aba yahawe igikorwa c’umwungere. Aba aragiye intama z’Imana, kuko nkako, umwungere nyene ubwungere  ni Imana yo nsa!

Ukaba rero waratewe iryo teka, uzoheza wumve nyabuna ko atari wewe uriko uraragira izo ntama , maze gutyo uheze worohe , wemere umwungere nya we agukoreshe,nyabuna, aragire intama ziwe wewe gusa umubere inzira.

Gutyo, niwemera ko uba igikoresho c’impwemu z’Imana, uzoheza woroherwe. Uzoheza rero uyobore intama uzijana ku misozi, imisozi y’Imana ahatagira intureka, ibihuhusi , ibisebuzi simusiga canke imiriro ya nyakanga( mu buryo bw’impwemu)

Mu buryo bw’umubiri naho, uca uheza ugasanga abantu babanye nk’abavandimwe, atawurya urwara uwundi, n’uwutase na mugenziwe agaheza agatunganirizwa maze gutyo yoye gutara mu nda kuko murazi ko ba Sokuru bayamaze bati utara mu nda ugatarura ibiboze.

Umutware rero atwariye Imana , ni Umutware yama azirikana ko intebe ariko , yayishizweko n’Imana, maze akitwararika na ntaryo kwama arondera kumenya ivyo Imana imwifuzako imbere y’ugufata ingingo iyariyo yose.

Mwene uwo mutware, aba ariko ararondera kuzogira amaherezo meza. Aba ariko ararondera kuzohereza kwibera aho nyene Imana iba, ku misozi y’i Mana , iwabo w’amahoro. Aho niho , mu kiringo umushaha wiwe uzomara gutandukana n’umubiri uzoca uja kwibera ibihe bidashira nayo ivyo ngaha kw’isi vyovyo twese turazi ko ari  “akamanyu k’umutsima gusa”.

Muti none tubigenze gute?

Uravye muri bibiliya, urabona ibibazo, Umwami Dawudi yariko aribaza, ati mbega nobigenza gute kugira nzoje kwibera ku  misozi y’Imana. Uwo mwami rero we biraboneka ko yari yararose amahirwe y’ukubona mu buryo bw’impwemu , ku misozi Imana ibako uko haba hameze.  Nico gituma rero vyasa nk’uko ikimuraje ishinga atari iyo ntebe y’ubwami yariko.

Mu kiringo amaze gushika ku ngoma, biraboneka ko icaciye kimuraza ishinga, kwari nyabuna ukuzoshika kuba mu nzu y’Imana( kuko we yarahabona). kanatsinda, uwuciye urwevu yama azirikana yuko iyo ushitse ku rugero runaka, uheza ugaca wihutira kwiyumvira urugero rukurikira. Nta wuhora hahandi.

Abahinga mu bijanye na Psychologia bamenyesha y’uko ikintu ugiye urasubiramwo misi yose, giheza kikaruhira kwakirwa na ka gace k’ubwonka ( subconscient) bivurwa ko karimwo ubwenge  bwa Rudasumbwa ,budashira( intelligence infinie).

Mu kiringo rero, ako gahande subconscient kavyakiriye, uraheza ugaca usanga uriko urabigendera mbere utanabizi. Mu majambo make, uba warishingiye inkingi ahagumaraye, hamwe n’aho wohura n’ibihuhus, i mubona ko bitabura, uheza ugaca wumira kuri nya nkingi kurya kw’ikibugu gutyo bikagukiza kw’irunda hasi, akagongo koye kuhasandabira.

Umutware rero, canke uwo muntu wese yifuza kuzoshika ku mataba y’imisozi itekanye, yoheza akaza arazirikana  amajambo ya zaburi ya cumi na gatanu( 15).

ivyo bizoheza bimutume yirukana ibinyamubiri vy’ubwoko bunyuranye vyagiye biraca mu bihengeri vy’aho umushaha wagiye urarimagurwa n’ibisebe binyuranye bavanye n’ivyo umuntu yagiye aracamwo muri kahise, muri runo rugendo tugenda tugendera ku bishobisho bigera aho bikanyerera , canke bigashonga kurya kw’ibinure iyo bihuye n’uruzuba rwo mu bugararwa.

Gutyo, igihe uzokwigira, uzoheza uce mu muryango wagutse, utabundabunda, mu gutambuka agatwe ukanega,  kuko ataco uzoba wiyotsa. Uwo wakoreye nawe aheze  akwakirize yompi ati karibu musuku wanje wavyitwayemwo neza, aheze aguhe agahembo, igitsibo categuriwe abagamburusti. N’uruvyaro rwawe ruzoba rusigaye kwisi ruzoheza rusigaye rutotahaye( cfr psaume 112) kuko uzoba wararuciriye inzira itunganye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 537