kirundiUncategorizedUrwevu

Urwevu: Veyo ! Uwuguhaye igiturire aba aguhuganiye, aba aguhumiye!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uko yobivamwo

Aba atumye uba umuntu ahumiwe.

Uwuguhaye igiturire nawe ugaheza ukacakira, waba wari ugisavye canke akikugemeuriye, aba akuguze. Ntaba akuguze gusa, aba akuguze rumwe; aba akugize rumwe!

Kuko rero aba agukuye agahuzu wambitswe, agateka uba waratewe n’Imana iba yaragushize mu mabanga uba warashinzwe , iciye ku bantu( abakoresha).

Aba agukunkumuye, aba agukanyuye akagukuramwo akanovera “buntu”, agahuzu k’umushaha w’umuntu mu buntu bwiwe. Aba aguhombeje, aba aguhongoye amenye “buntu” bigaca bisa ar’uko agusize agusize mu kanwa hagaragara.

Iyo rero akugize ubwa mbere akabona arakurangije, ibikurikira ntibimugora namba. Oya. Kuko aba yaramaze kuguheza, imiziro yawe aba ayizi. Mu gihe agarutse  araheza muvugana igiciro gusa, igiciro ca wewe nyene, kuko aba yarakurambitse hasi. Nta kibazo c’uko wohava wanka aheza ngo agire! Kandi mbere, ubukurikira muzosanga aciye agira intumbere y’ukugabanura kuko aba yaramaze kuguheza.

Mbere n’iyo ariko arinwera agacupa aho yicaye hagize uwo yumva aguhayagiza ko uri umugororotsi araheza agaca atwengera mw’ijigo, nayo mu kiringo urwarwa rwamushitse hoho ntabura n’ukugenda atababwiye ati “uwumukeye arancako, jewe ndamushoboye”, uburyo bw’ukubabwira ko agufise mu biganza, yakwigaruriye ashoboye kukugenza uko ashaka, kuko , kuri we, uba usigaye uremurutse nk’iragarira, aho baba bashoboye gukoresha impwemu z’udufaranga bagaheza bakagutumura , ugatumuka kurya kw’umuguruka.

Weho akiguha iyo noti wigira ngo azobinuma. Yobinuma gute? Mbega aba ayaguhaye ga wewe atari ayakeneye? Urazi uko aba yayarose? Kumbure abanza gukoranya umuryango agaterereza, canke akabanza gukubiza hasi agapfizi yari yarabikiye ikindi kintu.

Igiturira kiravuga. Ni Gungere!

Ukuvayo birashoboka.

Yamara , iciza rero, umuntu weshe arashobora agasubira akivyukiranya. Ugasanga umaze gukorako , urashoboye kwivyukiranya guhindura ingendo, uguhindura umukenyuro.

Muti gute?

Ica mbere ni ukarondera akanya ukaraba kubonana n’abo baguhanantuye ku ntebe y’iteka maze ukababwira uti, vy’ukuri ndumva ijwi rimbwira ko nakoze amakosa. Uti ahubwo nawe urandekurira kubona narakwemereye ko dukorana  amakosa. Uti guhera uwu musi nahinduye inzira.

Mu kiringo yotahura ko umengo useye n’uwongeje, naho rero woheza ukaduza akariro, ukamuhebuza, ukamukurira inkoni ku gishitsi, akabona ko ” OYA’ yawe itanyoganyoga, nyabuna harimwo inguvu z’ukwigaya n’uguhindura ibintu.

Muri ico gihe uzoba wiyambitse agakoti. Aho azoca azoheza ababwire ati ” wa Mugabo canke wa Mupfasoni yarahindutse”. Abandi baca bavuga ngo warakijijwe. Uko bavyita kwose ni kimwe kuko n’uko gukizwa nyene si ukurinda kuja mu sengero . Ni ugufata ingingo y’uguhindura, UKUBIVAMWO.

Wivyukiranije, rero, ugaruka ukomeye, iyo agateka kawe “buntu” kakugarutse mu biganza uraheza ugaca ukabumbatira nk’amata y’abashitsi, ugaheza rero ugasubira kwambara agakoti kagufate ,kagukwire, kakabure, abakubonye, bakabona wewe nyene, hako , ejo bobonye ikoti bakihutira gushaka amahera wayiguze, kugira ngo abazi guharura bashobore kuyivunjamwo, impfizi z’intama, amasuguru y’impene be n’impfizi z’inka watomye bagurisha kugira baguhe ibiturire nk’uko umengo umushahara gusa ntiwari kuwugumya ukaguma n’agateka kawe “buntu”. ( la dignité).

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 494