Inkino

# Indundi Sports | Bimenyimana Robert agiye kumenyereza Muzinga Fc

Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 24 Mukakaro 2020 , niho Umugwi Muzinga Fc wahaye amasezerano Bimenyimana Robert yigeze kuba umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga mu Mugwi Muzinga Fc .

Bimenyimana Robert akaba yahawe amasezerano yo kumenyereza umugiwi Muzinga Fc mu kiringo c’umwaka .

Ni umwe mu bagabo asanzwe afise licence C ya CAF ibishobora kuba vyatumye ahabwa amasezerano yo kumenyereza uwo Mugwi w’igisirikare c’uburundi Muzinga Fc bivanye n’uko mw’ihiganwa rya Primus league ryo mu mwaka wa 2020-2021 abemerewe kuhamenyereza ni abafise iyo licence ya C ya CAF.

Robert amaze kumenyereza imigwi itari mike nka les crocos, Les jeunes Athletic , Rumonge City , Transport , New Oil , Inter Star , les lierres hamwe na Muzinga Fc yasubiyemwo muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036