BurundifootballhomepageIbiyovyabwengekirundi_SportsYvan muziki

Diaspora: Warren Ndayishimiye yahaye imfashanyo y’imipira umugwi wa Gitega Academy.


Umurundi aba mu gihugu Ubwongereza Warren Chebby Ndayishimiye kuri uno wa gatatu igenekerzo rya 5 Kigarama, yatanze akaganuke k’ibikoresho vya Sports mw’ishure ry’umupira w’amaguru, Gitega Academy riri mu ntara ya Gitega.

Ibikoresho bigizwe ahanini n’imipira y’ugukina yababa ijana, Nivyo vyaronkejwe bano bana bakiri bato basanzwe bimenyerereza muri iryo shure.

Twipfuje kumenya intumbero nya mukuru y’ico gikorwa, Ndayishimiye akaba yatubwiye ati :” kenshi abantu bakunze gufasha imigwi iba ifise amazina akomeye, ariko jewe nahisemwo kuza ndaha intererano imigwi yose iba iriko irakora neza. Iyo nje mu buruhuko nama nkurikirana ibikorwa vya Gitega Academy, bigatuma niyumvira ico noshobora kubafasha.”

Twobamenyesha ko uno yahoze akinira umugwi wa Zèbre mu myaka ya kera, atari irya mbere atanze imfashanyo nkizi ku migwi yigisha umupira k bana bato. Aho twovuga nko mu kwezi kwa Ndamukiza yahaye umwambaro umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 17.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 852