Burundipersonal developmentSpirituality and progressUncategorizedUrwevu

Urwevu:( Inzoga) Sinzi ko nkibona canke ntoba mpumaguza gusa!

Isanamu gereranyo y’umuntu aguma arondera uko yobivamwo.

Iyo zimaze kukunyengetera, ziraheza zikakugira nk’imbohe. Ukarondera kuziheba canke ukuzigabanya bikaguta kuw’amazi! Iyo zimaze kuba rero zaramaze kugushikana kuri urwo rugero, ni ukuvuga, ko, ziba zarakuboshe.

Ziba zarakuboshe mu buryo bw’impwemu. Ziba zarakwatse ububasha bw’ugufata ingingo( le pouvoir de la volonté, willpower). Uraheza ukabona koko ko ziriko zirakujana muga bikanka ko wigovyora. Uca umera ( mu buryo bw’impwemu) nk’umuntu ariko aratwarwa n’imikuba y’mazi. Urabibona, bikakunanira kuvamwo, ugenda ubona!

Mu buryo bw’impwemu rero, n’ukuvuga ko bwa ” buntu’, bumwe budukebura bukadusubiza i “buntu” buba bwararengewe. Buba bwarakandamijwe n’izindi mpwemu, bita mu buryo bw’impwemu “kiburabwenge” ( cfr psaume 14)

Ico gisigo “kiburabwenge” nico giheza rero kikaka umuntu agatima k’ugushobora n’ukuzirikana Imana. Kiraheza kigakora uburyo bwose kugira ntiwemere n’uko ufise ingorane. Ivyo kibigira kugira ntuhave urondera gusaba Imana ngo igukize.

Umuntu akagenda mu misa ku wa Mungu kugira gusa anezereze abana n’umufasha ( ku bamaze kwubaka) gusa, mbere  ku gatima akagira  kumbure ati sije mbona iraheze nigire kurisoma kuri “plage”.

Ico gisigo kiguma kikuryosharyosha, kikaguha amahera y’ukunwa( murazi ko abanwe bavuga ngo amahera y’ukunwa inzoga ntabura), maze kikaguha n’ukwama wumva wihimbariwe. Kiraguhuma amaso, ukabaho uri mu mwijima yamara co kikaguhenda ko ubona, naho shwi kuko gusa uba uba usigaranye ukubona nka kurya kw’ibindi bikoko bisanzwe yamara mu buryo bw’impwemu uheza ugahumaguza

Abo mu buryo bw’impwemu bakwihweje bakubona  buryo bw’impwemu, uraheza ukaboneka nk’umuntu  nk’ikirosi kuko, akayoga iyo kamaze kukugira “gatuku” karaheza kakagutera ico bita mu kinyamahanga “confusion mentale”, twikwita “uruhumyi rw’umutima.

Nimba umaze kugera aho utaha i muhira ukavyuka ntiwibuke uko wari washitse, uraraba neza. Burya waratewe. Burya naho wibaza ngo urabona, hari ibintu vyinshi utabona. Amaso y’ukubona mu buryo bw’impwemu niyo ico gisigo kigenda kirafyooooonda gushika uzosigare ubona ibintu bimeze nk’igipfungu, izosi naryo kirakebanya , kigahotora ugasigara ugenda nk’uwugendesha umugongo mu buryo bw’impwemu.

Hariyo mu bury bw’impwemu hariyo ibigabo bikomeye cane, bigenda biraguhohotera, igitutu cawe bigakebanya , amaso yawe bigatunura. Ivyo bibigirira mu buryo ku wundi “wewe” aba hariya.

Iyo rero turiko turigenza ruhenga hano kwisi, tuba turekuriye impwemu ku wundi “twebwe” ari hariya wewe yari ajejwe kutubera umuco kugira adumbereze ahari amazi adasuma.

Tuba tumurekuriyeko ivyo bigabo bimuhotora, maze bagahitana agatebe yari yicayeko bikabenduza, bikamuterera hasi , bigaheza bigaca vyicara mu kibanza ciwe. Bimaze kwicara ku gakanu, uwo wundi “wewe” nivyo rero biheza bigaca bikubera umuyobozi. Uraheza ugaca usanga warabaye uwundi nka “vyo”. Ikiburabwenge mu buryo bw’impwemu; kuko kuri ruriya rugero rw’impwemu, umushaha utemera Imana uba uboneka nk’ikirosi naho hano kwisi woba wiyita ngo uri incabwenge, doctorats na za doctorats waregeranije.

Abantu rero ukababwira ivy’Imana bagaca bakubwira” ngo jewe ibintu vy’Imana nsinshaka kuvyivangamwo. Bagaheza bagaca bamiza hafi uburorero bwinshi busa nk’ubwerekana ko mbere n’iyo Mana yoba itahari. Nk’ubu hari abo uza wumva ngo” none bamwe bavuga ngo barasengera abantu bagakira, ko batosengera “Corona ” ngo ikire? Abafashe inzira y’Imana nayo tugaca dutangura kubatwenga, no “naka yarakubititse none ngo asigaye agendana bibiliya, ugukurikira Imana bikitwa ikimenyetso c’amarushwa.

Ukuvaye twokwishimikiza iki?

Kugira umuntu yiyamirize ico gisigo kidutera kudakurikirana ibintu vy’Imana, ye mama ngo n’uko twize canke ngo tuzi ubwenge, ni vyiza ko wogira bino bikurikira.

Psaume 14, ukazoguma uyivuga kandi wumva ko uriko urabwira impwemu iri muri wewe, uzoheza ubone ibihinduka: uzoheza utangure kwugururka amaso, ubone koko ko, wewe ubwawe ubayeho ataco wishoboje atari izindi nguvu utabona; uzoheza wumve rero ko bikwiye ko woza uraszishimira( briser les forteresses d’ingratitude).

Uzogomba wongereko, uze uravuga, na Psaume 50. Ni waza urabivuga , hanyuma ukaba ufise umutima w’ukumenya Imana, uzoheza unayisabe uti” Nyereka mu nyonga zawe Mukama”.

Bukebuke dogiridogiri uzoheza utangure kwumva ibintu bihinduka, inguvu z’umuco zizoheza zigende zirakwegera bukebuke maze zigufata ukuboko zikujana ku muco, maze uzoheze ushike ahera cane, gutyo ni wasezera isi uza uri ahera uzoca uja ahera nyene, kuko aho umuntu ari hano, niho azoba hariya( selon la loi des correspondances).

NB. Ico gisigo” kiburabwenge” nticugururirwa n’inzoga gusa, hari vyinshi nk’inzigo, rebellion,…, n’ibindi vyose bitajanye n’ubugombe bw’Imana.

Ibi bintu uwoshaka, yogomba akabifata ko ari ukuri. YISHAKIYE.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 326