BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Emery sun akaba ateye Iteka Alvin Smith

Akavuze abarundi ngo Iteka aho ryamye. Umunezero ni wose Kuri Alvin Smith, kuko ngo Emery Sun yemeye kumwandikira Indirimbo, ata n’urukoroka atanze. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’uwo muririmvyi w’akadaje buca ikwiza Views 1,000,000 Kuri YouTube.

Iryo jambo ryabonetse ko ryari iry’umunezero Kuri Alvin Smith, rikaba ryaherekeje amashusho arikumwe na Emery sun ubwiwe, aho vyabonetse ko uburebure atari bimwe na Gato.

Naho yipfuza umuririmvyi w’umurundi amwandikira Indirimbo, ukuzikora kwo, uwo muririmvyi aracahagaze kuvyo yashikirije mu misi iheze ko abanyarwanda aribo Bazi gukora Indirimbo gusumba abandi.

Uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, akaba aheruka gushikiriza ko iyi ndirimbo aheruka gukorana n’umunyarwanda, yakozwe n’umunyarwanda nyene Kandi ngo ukuboko kwiwe ntikworoshe.

Yanditse agira ati :” Umu Producteur Yitwa Julesce yankoreye Song irenze cane, izosohoka Friday en direct Kuri Television y’Urwanda. Ebana ndasubiyemwo Production y’umunyarwanda irakaze peee Ngo. Egoo Abarundi turahanga ariko Production yo mu Rwanda irarenze. Salut Kabisa Julesce t’és le Meulleur.”

Igihe yaheruka kubishikiriza ko abanyarwanda muri Production bakaze cane, akaba atorohewe kuko abatari bake barimwo abakunze kwitwa abasesanguzi bamenyesheje ko ukwo Ari ugushaka kwikundisha abanyarwanda, Kandi abo ba Producer ariko arashira hasi, aribo bamufashije ngo abashe gushika aho abo banyarwanda bamushima.

Iyo ndirimbo yaherekezesheje amajambo ashobora kudakundwa na bose, ikaba igiye mu zindi amaze gukorera mu Rwanda, zanavuyemwo Indirimbo yiwe ya mbere imaze kurabwa cane gusumba izindi Kuri YouTube, iyo nayo s’iyindi ni Akadage yakoranye na Juno Kizigenza.

Iyo ndirimbo nyene ikaba isigaje Views ziharurwa ku ntoke ngo ikwize Views 1,000,000 Kuri youtube yiwe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757