Igikombe c’isi mu nkino z’umupira w’amaboko Volleyball zisanzwe zibera ku musenyi zigiye kubera mu gihugu c’uburundi ku ncuro igira kabiri .Izo nkino zitegekanaijwe mu kwezi kwa Nyakanga uno mwaka mu gisagara ca Bujumbura aho hitezwe ibihugu bigera kuri 36 bizokwitabirira ico gikombe.
Uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rw’umupira w’amaboko Volley Ball mu Burundi Serges Ntakavura mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ariko ashikiriza ibijanye n’iryo higanwa mpuzamakungu Uburundi bugiye gutunganya, avuga ko biteguye kwakira iryo higanwe kuko ngo mu mwaka uheze baryakiriye kandi ko ibikorwa vyagenze neza muri rusangi.
Akavuga kandiko abakinyi ko bakiniye ku musenyi mwiza kandi ko atamuyaga mwinshi wari uhari.kuko ngo n’abarongoye ishiramwe ry’urukino rw’amaboko kw’isi Volleyball barashimye ukwo baritunganije ari nayo mpamvu basubiye kwizera Uburundi kugira butunganye iryo higanwa.
Serges Ntakavura arongera kandi akavugako muri rino higanwa bise Pro Tour 2024 uyu mwaka ibihugu vyiyongereye bikava kuri 14 bigashika kuri 36.Ntakavura arongera akavugako batanguye imyiteguro kuko uyu mwaka bashaka ko bigenda neza cane kuruta ukwo vyagenze mu mwaka uheze.
Umukuru w’ishirahamwery’umupira w’amaboko volleyball mu Burundi ashikiriza kandi ko aho bazokinira hatanguye gutunganywa, amategeko agenga ihiganwa yaragiyeho, ibicapo vy’aho bazokorera n’ibindi vyose vya nkenerwa biramaze gukorwa.
Agashimira abariko bagira ico baterera harimwo ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino n’imicokama, Eden Garden Resort ahazobera ihiganwa,Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura n’abandi.
Izo nkino z’igikombe c’isi z’umupira w’amaboko Volleyball zikinirwa ku musenyi zizotangura kw’igenegerezo rya 11 Nyakanga 2024.
Mu mwaka uheze, mu bigeme, igikombe catwawe n’igihugu ca Espagne,mu bahungu gitwarwa n’igihugu c’Ubudagi.
Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana



















