Healthpersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

Urwevu: (‘inzoga) Abo iyo nkofero yokwira urabareka baheze bayambare”( Cancer)

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo

Who that cape fit, let them wear it! ( Bob Marley)

Ayo ni amajambo amwe akoreshwa n’umuhisi w’umuririmvyi Bob Marley. Ariko ni amajambo akomeye cane mu buryo bw’impwemu kuko kanatsinda uyo muhisi ivyo yaririmba vyari ku rwego rwo hejuru, atari benshi boheza ngo babitahure bukwinabukwi!

Muu buryo bw’impwemu, hari Imanza zicibwa. Yaba ku ruhande rw’impwemu zikunda umuntu ( Imana) hamwe rero no ku ruhande rw’impwemu ziturwanya, zimwe zama zirondera kuturonka akanya ngo zidukumbagaze, ziduhumire, ziduce akarimarirenze,zituvyayange mu vyondo zitugire iyondoyondo.

Muri izo manza rero urashabora gusanga warandikiwe ko uzokwicwa na “Cancer”, Cancer ivuye mu nzoga, nayo ikaba ishobora gufatira canecane mu gitigu canke mu gihogohogo.

Abantu rero bashobora kuba bifitiye utuso tubona kure, barashobora kubibona, bakabona mu ndoto haje, ikintu kiriko kiramanuka, igikoko canke ikindi cose gikoreshejwe n’izo mpwemu mbi, kikazana rero inkofero kigashaka kuyigushira ku mutwe.

Mu kiringo rero izindi mpwemu zidukunda zozo ziciye zibihikana, uraheza ukaza ubonya nya gikofero uragikwefye kikikubita hasi, ugaca usanga ahari i sanamu yawe, yanditseko musi ingwara nya vyayo bishaka ko izoguhitana.

Abafise utuso tubona baraheza bagaca banerekwa n’izindi sanamu zerekana iyo iyo ngwara izozanana, haba mu kayoga k’umwambiro canke mbere no mu gafanta , canke n’ibindi vyose. Niho rero mwumva nk’umuririmvyi Bob Marley avuga ati “uwo iyo nkofero yokwira araheza ayambare( who that cape fit, let them wear it).

Burya wewe yari yabonye inkofero ashaka kwambikwa n’inguvu zo mu mwiza.

NB. Muntu wese uzi usoma urwarwa ukarubasha, birashoboka ko woba wateguriwe inkofero y’abazohereza kuri Cancer. Nyaragasa ukore ibi bikurikira, ubuzima bwawe bwose guhera uwu musi, uheze utangure kuza uravuga Psaume 101, wongerako uti” urubanza rwaciwe na Shetani hejuru y’izina ryanje, rurafuswe n’amaraso y’umwami Yesu Christu mw’izina rya Yesu Christu”( Ku bemere ubucunguzi n’Umwamu Yesu Christu)

Haba abamaze kuba barashikiwe n’iyo ngwara bakiri ku misego ariko bikaba bigaragara ko yazanye mu nzoga, boheza bakaza baravuga iyo psaume hamwe n’ako gasabisho, abatabishoboye kubera ukuremba, ababarwaje bagaheza bakabafasha.

Urabigerageza nimba udashaka kuzokwambara iyo nkofero.

Bibwirwa benshi bikumva bene vyo!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 33