BurundiEntertainmentmusic

Ng’ibi bimwe mu bishikirizwa vyerekana igituma indirimbo ndundi ngo zitagifise akanovera

Mu gihe abatari bake baguma bidoga ngo ntibumva igituma umuziki ndundi udatera intambwe muri kono ka rere turimwo maze umuririmvyi nawe agire n’ico aronka,abenshi ntibabibona kumwe inzira vyokorwamwo kumpande zose.

Mumyaka y’ imbere y’1993, abaririmvyi baririmba indirimbo zifise akanovera, zifise ico zisigura kuko bakoresha ikirundi cari citwararitswe cane mu muziki kandi bakaba bari bafise ubutumwa bashaka gushikiriza. Ariko inyuma 1995 haraje urundi rwaruka rw’abaririmvyi baririmba uruvangatirane rw’indimi n’imidiho itandukanye,gushika ubu bigikorwa bituma ururimi rw’ikirundi rutituka biciye muri uwo  muziki w’umvirizwa cane n’urwaruka.

Abaririmvyi baribakwiye kwitondera amajambo bakoresha mu ndirimbo zabo baba bashaka gukora ,bagashiramwo amajambo atosoye y’ikirundi ciza yotuma n’indirimbo zabo zigira akanovera maze umuziki ndundi ugahurumbirwa n’abandi batari urwaruka gusa maze ukagira irindi shusho murikano karere turimwo ndetse no mumakungu.

Kuberako abageze mu zabukuru batagitahura ubutumwa buba buri mumuziki ndundi usigaye uririmbwa n’abuzukuru canke abana babo, babonako n’akaranga bamaze kugata.

Ariko urwaruka rwo rubonako arivyo bigezweho kubera rusanzwe rukunda cane umuziki w’abanyamahanga .

Ku bwabo abaririmvyi bobo babonako umuziki w’urumvangatirane rw’indimi ariwo muziki ujanye n’ibihe tugezemwo.

Mbega ukudakoresha amajambo atosoye mundirimbo zabo yoba arimwe muntambamyi zibituma abavyeyi batagihurumbira uwomuziki canke ngo bashigikire abana babo bafise impano y’ukuririmba?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 446