groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Abakinyi 9 mu muryango wo gusohoka muri Real Madrid

kimwe mu bimenyeshamakuru co muri Espagne cashize ahabona abakinyi 9 ba Real Madrid bashobora kuyivamwo mugihe c’igura n’igurishwa ry’umwaka wa 2020 .

Abo nabo akaba ari aba bakurikira :

1) Gareth Bale : uyu ntamwumvikano mwiza yari afitaniye n’umumenyereza Zinedine Zidane

2) James Rodriguez : nawe nyene ntamwumvikano mwiza yari afitaniye n’umumenyereza zinedine zidane.

3) Luka Jovic: uyo nawe ntacizere Zinedine zidane yari amufitiye naho yaguma aronderwa n’imigwi itari mike yo kumugabane wa buraya

4) Isco : yari munzira isohoka kuva kera muri uwo Mugwi akaba yaronderwa n’umugwi wa Juventus

5) Mariano Diaz: uyo nawe Zidane yamuharura gake

6) Barahim Diaz : nta mwanya yaronka wo gukina mbere vyagurwa y’uko azotizwa mu wundi Mugwi

7) Nacho Fernandez : uyuwe yari mu nzira yo kuva muri Real Madrid kuva kera muri kino gihe Real Madrid izorondera umukinyi wundi w’inyuma ntamwanya azobaa agifise wo gukina .

8) Lucas Vazquez : muri uno mwaka ntiyigeze yerekana ubushobozi bwiwe ashobora guhindura umugwi.

9) Marcelo : Mendy yerekanye urugero rwiza kumusumba muri uno mwaka rikaba ari n’ubwa mbere atakaza ikibanza ciwe co gutangura muri Real Madrid , Juventus ikaba yarerekanye kuva kera y’uko imwipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23