groups-at-messageInkino

# Indundi Sports | Mike Tresor niwe yafashije Willem gutsinda VVV_ Venlo

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 14 Myandagaro 2020, niho umugwi wa Willem ukinamwo Ndayishimiye Mike Tresor wari wakiriye umugwi VVV _ Venlo mu rukino two gutegura ihiganwa rishasha ryo mu cicaro cambere mu gihugu ca Hollande.

Willem ukaba ariwo watahukanye itsinzi y’ibitsindo 2-1 , igitsindo ca kabiri arico cabahaye itsinzi cinjijwe n’umukinyi Ndayishimiye Mike Trosor .

Tresor  avuga Ko umuvyeyi w’umurundi ari Fredy ndayishimiye yigeze gukinira Intamba mu rugamba mu myaka ya kera.

Uwo mukinyi naho yavutse ko ari umurundi afise ubwenegihugu bw’Ububirigi , akaba amaze gukinira umugwi nserukida gihugu w’abakiri bato murico gihugu.

Ku makuru Manager Mutima yari yahaye Sport 257 yari yijeje abarundi ko bari mu biganiro n’abavyeyi b’uwo mukinyi kugira barabe ko yoza gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abakuze .

Mwokwibuka ko uwo musore ariko aronderwa cane n’umugwi wo mu burusia CSKA Moscou ni umwe mu migwi ikunda gukina ihiganwa rya UEFA Champions league .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23