Inkino

# Indundi Sports | Kayanza United yakwije ivyangombwa usezezerera gutsindwa impaga

 

Inkuru nziza Ku bakunzi b’umugwi Kayanza United , n’uko amakarata y’abakinyi uwo mugwi uzokoresha mw’ihiganwa ry’uyu mwaka wa 2020/2021 amaze kuboneka .

Kayanza United akaba ariwo mugwi wa mbere watanguye gutsindwa Impaga na Les Elephants mu rukino rw’indwi ya mbere rw’ihiganwa rya Primus league kubera udakwiza ivyangombwa vy’abakinyi.

Uwo mugwi rero ukaba witezwe gutana mu mitwe na Royale Fc mu rukino rw’indwi ya kabiri ruzoba kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2020, Isaha icenda 15h00 Ku kibuga c’ingoma kiri mu Ntara ya Gitega Ku mugwa mukuru wa Poritike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036