Uncategorized

Assurance: Ukuboko gutanga kwama ari kugufi ugereranije n’ukuboko kwakira.

Abantu rero ugasanga tuguma twidogera amashirahamwe y’ubwishingizi( Compagnies d’Assurances) ngo babatwara amafaranga. Abafise iminwa yoroshe mbere hari n’abadatinya kuvuga ko amsahirahamwe y’ubwishingizi ari abasuma.

Ivyp bifatanye n’uko , muri kameremere zacu, icama hafi atari ukwumva ko hari ivyo twobazwa, nyabuna agatima kama hafi kaba ak’ukumva ko hari ivyo twobaza. Ukuboko k’ukwakira kurarehutse mu kiringo ukw’ugutanga kwazingamye.

Ivyo biza rero kuva muri ya kameremere ya muntu kuva akiri mutu, agaburirwa, aterurwa ku bibero, aregwa, acungwa, … maze akazoza gushika aho yumva ko hari ivyo nawe vyomubazwa yaramaze gukura, igihande kininiya carahengamiye mu guhabwa kurusha ugutanga.

Kubera iyo kameremere rero, iyo mpengamiro y’uburekerezi, abanyamategeko barahavye basanga ubwishingizi bumwe bumwe nk’ubujanye n’abafise imiduga igendera mu mabarabara bwoheza bukaba itegeko. Ni ukuvuga y’uko rero, mu gihe udafise ubwo bwishingizi uhanwa n’amategeko.

Iyo abantu rero bamwe bamwe bariko barariha amafaranga bategerezwa gutanga kugira ngo mu kiringo bagize isanganya, ayo mashirahamwe aheze abaserukeko mu kwiremeka imitwaro y’ivyo baba bononye, uraheza ugasanga bariko batanga ayo bidoga.

Yamara rero iyo hagize isanganya riba akonona ibintu , kenshi biratugora gufata n’akanya na gatoya ko twibuke ko rimwe na rimwe ivyonekaye bisaba amafaranga arenga kure n’ayo tumaze gutanga.

Ariko rero, ukwo kuboko kurekure na kugufi navyo biribonekeza mu mashirahamwe y’ubwishingizi amwe amwe aho , iyo umunywanyi agize ingorane, baheza bakamurimarika, bikazomara ikiringo kirekire cane, imbere y’uko bamugarukirako. Umuntu rero akazoheza akumira ku nzira , uko agize araza kubaza bakamubwira ngo arindire yamara ntibanamubwire n’igihe yogarukira.

Umwuga w’ubwishingizi uzogira akamaro n’akanovera ukuboko gutanga ni kwagerageza kungana n’ukwakira ku mpande zose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55