kirundiSpirituality and progressyouth

Urwevu: Ba Kavamahanga ntibatwigishije vyose!

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo

NTIBATWIGISHIJE KUBA INTAMBWE. BATWIGISHIJE KUVA INTAMA.

Iyo tuvuze intambwe ntimuhave mugira ngo kuvuze ugutandagura. Oya dushatse kuvuga , ukugira umutima w’imboneza( Leaders). Umuntu wese yaje kuri ino si hari ico Imana imuremeye. Ntawaremwe ngo aje gukurikira abandi nk’intama.

Inyigisho dukeneye hejuru y’ivyo bindi dusanzwe twiga ( Igifarasa, ibiharuro , physique, biologie, chimiie….) turakeneye inyigisho ishimitse, itwereka ukuntu twotahura icatuzanye hano kw’isi maze akaba ariho dushira inguvu. Ivyo navyo bitegerezwa gutangurira mu kumenya ico turi.

Ivyo baduhaye twokoresha ngo tubona ko runaka azi ubwenge, ntabwo vy’ukuri ari bwo bwenge. Ubwenge si ukuba uzi ibiharuro kurusha abandi. Ubwenge ni ukuba ufise ubumeni bw’ugushobora kukoresha ibikuri hafi vyose kugira ubirengere, ubihindure bibe nk’uko wifuza , ufatiye kuvyo ukeneye. Ubwenge ni ubushobozi  bw’ugushobora gufata ubuzima bwawe mu minwe, hamwe n’uwoguterera mw’ishamba woheza mu kanya gato ugaca umenya uko uhaba kuko ibigukikije vyose ushoboye kubitegeka bikaguhindukira ibikoresho.

Umuntu wese yaremwe kugira aze hano kw’isi agire ico ayikozeko, agire ico ayihinduyeko mu nzira y’ukuyisiga ari nziza kurusha uko yayisanze. Ariko kubera ko twagiye turaronka inyigisho zidahuye n’ukuri, nico gituma uheza ugasanga vyatugoye kugira ikimazi kiboneka dusize hano kw’isi.

Benshi tugenda twibaza ngo turakanura kandi turi mu mwijima. Abaje kutwigisha ngo badusirimure ntabwo batwigishije vyose. Kanatsinda, ntivyari mu nyungu zabo.

Ntibatwigishije ivyotuma tuba intambwe. Batwigishije ibitugira intama, maze kugira kuri ino bazokwame bari imbere yacu, natwe dukurikira nk’intama tutazi iyo tugiye.

Muri rino shamba turimwo ry’ubuzima, dutegerejwe natwe guca urwevu, tukamenya ibinyegezwa batatubwiye, eka nabo nyene batabwiranye bose, ariko bifiswe n’akarwi k’abantu bakeya kw’isi , aribo baheza bagaca batwara isi uko bayishaka, abandi nabo bakadushira mu mwotsi( confusion), tugasigara turi nk’abenena mu kirere, kuko , dutera tugira isoni y’ukuba ivyo turi maze tukarondera kuba ivyo bari kandi ntibikunde, maze tugasanga ata na kimwe twahavuye turuhira kuba.( turondera kuba nkabo bikanka, tugasanga kandi na twebwe ntitukiri ba twebwe).

Uburyo bwonyene buzodufasha guhindura imbintu ni ukugaruka kw’isoko. N’ukurondera twebwe, muri twebwe nyene. Ba Sokuru barayamaze, bati “urukiza ruri mu minwe yacu”.

Dukeneye inyigisho zitwigisha uko dushobora kuba ba twebwe nyene, uko dushobora guteramira muri twebwe nyene, mu ngoro  y’aho tuba muri twebwe nyene.

Dukeneye inyigisho itwigisha y’uko dushoboye ibintu bitangaje bikomeye mu kiringo tubanje kuba twebwe nyene. Dukeneye inyigisho zitwigisha y’uko dufise ubushobozi burengeye ukwemera , y’uko muri twebwe hari inguvu ziteye ubwoba.

Dukeneye inyigisho zizotwereka uko dushobora kuba batwebwe nyene, mu bushobozi bw’Imana twahawe nayo.

Turakeneye inyigisho zitwigisha y’uko Imana hamwe n’Ijuru biri muri twebwe nyene, maze gutyo , zigaheza zikatwigisha uko twoshobora kuba umwe n’iryo juru riri muri twebwe , kugira dushobore gukora ibirengeye ubwenge bw’abantu basanzwe bataramenya iryo banga.

TURASHOBOYE IBIRENZE IVYO BASHOBOYE!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 463