Inkino

BCM : Jumaine niwe yatsindiye agashimwe k‘ukwezi kw’i 9

Nk’uko bizwi buri kwezi abakunzi b’inkino bahurikiye mu mugwi BCM Burundi bahora batanga agashimwe buri ukwezi k’umumenyereza yama yitwaye neza mu nkino 4 ziheruka , Umumenyereza w’umugwi Musongati Fc Niyonkuru Jumaine niwe yatahukane agashimwe k’ukwezi kwa Nyakanga (9).

Niyonkuru Jumaine mu nkino 4 za Primus league amaze gukina amaze gutsinda inkino 3 anganya urukino 1 ibiriko bituma Musongati Fc idatakaza ikibanza ca mbere muri Primus league .

Niyonkuru Jumaine ako gashimwe akaba azogahabwa kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 03 Gitugutu 2020 , ku kibuga Ingoma kiri i Gitega ku murwa mukuru wa Poritike imbere y’uko urukino ruzohuza Musongati Fc na Kayanza United ruba igihe c’isaha icenda 15h00.

Uwo mumenyereza akaba abaye umumenyereza agira 7 atahukanye ako gashimwe ka (BCM) k’umumenyereza w’ukwezi yitwaye neza .

Akaba azohabwa agashimwe kangana n’amafaranga ibihumbi ijana 100,000fb hamwe na Trophée 🏆 .

Mwomenya y’uko Niyonkuru Jumaine ariwe yatahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka 2019-2020 ari kumwe na Musongati ivyatumye uwo mugwi userukira igihugu ubwa mbere mu mateka yawo mu mahiganwa ya CAF confederation Cup

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037