BurundiEntertainment

Flambeau de la paix y’i Gitega ivugishije benshi

Inyuma yaho Big Fizzo yerekaniye akababaro kiwe, akoresheje aya majambo ati :” Tuzoteza imbere gute umuziki ndundi iyo igikorwa c’igihugu c’uburundi nka flambeau de la paix giherahezwa n’indirimbo z’abanyamahanga ??? Ko tuziko hari abatumire b’abaririmvyi nka Sat-B na vichou Love ,boba barabuze indirimbo nimwe y’umwe muribo? Canke umuziki ndundi en général wari guheraheza ico gikorwa?”
Yongera ati : “Mbe ya ndirimbo ya Flambeaux de la paix yoyo canke indirimbo zose z’abarundi zihayagiza amahoro zari zabuze?

Benshi baramushigikiye mugihe ivyo yabishikirije nyuma y’ijambo yashikirije igihe urumuri rw’amahoro rwariko rwerekanwa mu gisagara ca Bujumbura.

Gusa abandi bo bagize ngo ni agashavu kuko yaririmvye i Bujumbura ariko ntabashe kuririmba i Gitega , hakaririmba Sat-B nawe Atari yaririmvye i Bujumbura.

Ubu hoho hari urukurukuru rugira ruti : Big Fizzo kuba atashoboye kuririmba nuko atagahembo kari gahari mw’itunganywa ry’ibirori vyo kwakira urumuri rw’amahoro i Gitega.
Urwo rukurukuru nyene rukemeza ko na Sat-B kuba yaririmvye nuko ariwe yavyisabiye , ashobora kuba yabikoreye ukwitangira igihugu.'”

Urwo rukurukuru rukaba ruriko rutera impari ku bakunzi b’aba baririmvyi bompi.

Gusa hari n’abagize bati:” Kuba Sat-B yoba yararirimbiye ubuntu, ntibisigura ko atari umwe mu bihangange mu muziki ndundi, kuko kuririmba mu gikorwa co guharanira amahoro vyerekana ko ari intwari ikunda igihugu cayo.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 437