homepage

Uwundi mwigeme yagize ico avuga ku bugeni bwa Diamond

Inyuma y’uwataye akomoka kuko asa n’uwutumvirijwe aho yashigikira irongorwa ry’umuvyeyi w’abana 2 yavyaranye na Diamond, Zarinah Hassan, ubu uwundi nawe yitayemwo agira ico avuga ku bugeni bwa Diamond bubandanya buvurwa.

Gigi Money ari mu bavuze ko bafitanye umwana na Diamond, yavuze ko atumva ukuntu Diamond abananya ata umutwe arondera abandi bagore kandi hari uwo bari bakwiranye. uwo nawe avuga ni Zarinah Hassan.

Uwo muririmvyikazi wo muri Tanzania, avuga kandi ko atabitahura ukuntu aja kuguma anuranura kandi yari yaronse umugore afise amafaranga nkuko abandanya abishikiriza. Ngo uwo naho bari kugira ikibazo ngo amafaranga yabo yogize ico abamarira.

Ariko naho biruko uwo mukobwa abandanya atera amashurw uwo mwigeme Tanasha, aho avuga ko nawe akimubona yabanje gutangazwa n’ubwiza bw’igitangaza bw’uwo mwigeme.

Mwomenya ko uwo mukobwa adahurizwako na bose baba mu muryango co kimwe no mu bakunzi b’ibikorwa vy’uwo muririmvyi, kuko bamwe babona ko yari gucagura Zarinah Hassan.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686