JusticekirundiWorld News

Umwicanyi yahitanye George Floyd yaraye arekuwe

Derek Chauvin , yahoze ari umuporisi akaba ari nawe yagirizwa urupfu rw’umunyamerika w’umwirabure George Floyd yanize amupfukamye mw’izosi, yanamupfunze amapingu mu mugongo yaraye arekuwe ivy’agateganyo.

Derek akaba yarekuwe ivy’agateganyo inyuma yo gutanga caution y’amafaranga angana n’umuriyoni w’amadorari y’abanyamerika kandi akazosubira kurenguka imbere y’ubutungane mu mwaka w’i 2021.

Derek akaba yarahagaritswe anafungirwa mw’ ibohero rikuru rya Minnesota kuva mu mpera za rusama uyu mwaka.
Aho hakaba hari inyuma yaho abanyamerika benshi bashigikiwe n’amakungu bateye ivyatsi amacakubiri akorerwa abanyamerika b’abirabure .

Urupfu rwa George Floyd rukaba rwarateje imyiyamamazo n’ uruhagarara rudasanzwe muri Minnesota ,kuko agashavu kari kenshi ku banyamerika nyuma yo kubona isanamu y’ukuntu George yishwemo mu gihe yariko aratakamba ko umwuka uriko uramuherana .

Nkuko vyashikirijwe ku rubuga rwa twitter na Ben Crump ,um avocat y’umuryango wa George Floyd .

Kuri we irekurwa rya Derek Chauvin n’icibutso (rappel) kibabaje ku muryango wa Floyd kandi ngo bakaba bari kure y’ubutungane bw’ukuri kuberako Derek Chauvin yaguze ubwigenge bwiwe ku mafaranga angana n’umuriyoni y’amadorari nyuma yo kwambura ubuzima George Floyd amwagiriza gukoresha inoti ya magendo y’ amadorari 20$.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 458