Burundicultureculture_featureculture_promoteEducationEntertainmentgroups-member-promotedkirundi

Nta murundi numwe yarakwiye kwikumira mu karanga k’igihugu

Inanga, ikembe, n’umuduri ni bimwe mu bikoresho vyo gucuraranga vy’aho hambere hahise, nubwo ubu bisa nkaho bitagikoreshwa cane kubera ibikoresho vy’ubuhinga bwa none.

Umuduri wakundwa kuvuzwa n’abungere iyo baturukije inka, nayo ubu uvuzwa no mu biteramo kubera umudiho mwiza utanga , umudiho uryohera amatwi y’abawumviriza kuberako uba ugaherekezwa n’amajambo meza avugwa n’uwuba ariko arawucuraranga.

Mu Burundi umuduri uravuzwa nubwo utagihurumbirwa nkuko vyari bimeze aho hambere hahise .

Nubwo ivyo bimeze uko bamwe mu bakurambere bawuvuza ntibashima kuwuhagarika kuko wohava wibagirwa, bahisemwo kuwigisha urwaruka rushasha.

Mijuriro Mathias ni umwe murabo bakurambere , uwo mutama ageze mu za bukuru n’umwe mu bihangange vyatumye umuduri umenyekana mu makungu.

Yatanguye kuvuza umuduri ari umwana muto cane , akura awivuza kugeza n’uno munsi amaze kuba umukukuruke mu bushikiranganji bw’inkino n’imicokama.

Ariko nubwo atagikorera ubushikiranganji , uwo mutama ntiyigeze awuhemukira canke ngo ahagarike iciyumviro ciwe co kwigisha akaranga abarundi, yahavuye aja hamwe n’abandi batama bashinga umugwi witwa : Abagarukirakanga .”

Uwo mugwi ukaba wandika ,ukanacuraranga umuziki ubifashijwemwo n’uruganda rw’amakuru “Indundi Magane.

Mathias arashima abama babashigikira nka INDUNDI Magazine , Unesco n’abandi, arongera agatera akamo ababishoboye ko bobafata mu mugongo kuko baharanira akaranga k’uburundi mu gucuraranga no kwigisha urwaruka .

Si agaseseshwa rumuri bimwe mu bigize akaranga k’uburundi biriko biratituka , umugwi “Abagarukirakanga ” urakwiye gushigikirwa kuko uriko ukora ibikorwa vyiza bihesha icubahiro igihugu cacu

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590