Inkino

# indundi Sports | Marco Weymans mu nzira agana Uburundi

Umukinyi Marco Weymans ari mu nzira imuzana mu gihugu c’Uburundi nkuko  Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yashoboye kuzana uwo mukinyi  yabiyagiye uruganda rwanyu rwa Indundi Sport.

Akaza gushika mu Burundi igihe c’saha umunani 8 z’ubucagucagu bwo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Munyonyo 2020.

Marco akaba aje mu Burundi mu ntumbero yo kurondera ivyangombwa bimwemerera gukinira igihugu c’Uburundi mbere ashobora no kuboneka mu nkino zibiri zigiye guhuza Uburundi na Mauritania aho urukino rwambere rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 11 i Mauritania mugihe urwo gusubiriza ruzoba i Bujumbura igenekerezo rya 15 Munyonyo 2020.

Uwo mukinyi w’imyaka 23 akaba akina inyuma ku ruhande rw’ibubampfu mu mugwi wo mu cicaro ca mbere muri Swede mu mugwi Ostersunds FK.

Akaba amaze gukinira imigwi nserukira y’ububirigi ya bakiri bato mu batarenza imyaka 16 na 18.

Mwomenya ko nyina wa Marco Meymans ari Umurundikazi mugihe se ari Umubirigi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036