Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager Ngozi hamwe na Musongati , inkino z’indwi ya 12 z’ihiganwa rya Primus league zigiye kubandanya ku musi wa kabiri igenekerezo rya 1 nirya 3 Kigarama 2020.
Uku niko imigwi igiye guhura :
Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 1 Kigarama 2020:
– Isaha indwi n’igice 13h30 , Vital’o Fc izokwakira Muzinga Fc ku kibuga c’intwari
– Isaha icumi 16h00 , Rukinzo Fc izokwakira Aigle Noir ku kibuga Intwari
– Isaha icenda 15h00, Olympic Star izokwakira Les Elephants Fc ku kibuga Umuco
Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 2 Kigarama 2020 :
– isaha icenda 15h00 , Royal Fc izokwakira Flambeau du Centre ku kibuga Ingoma.
– Isaha icenda 15h00, Bumamuru izokwakira Athletico Academy ku kibuga Urunani
– Isaha indwi n’igice 13h30 , Inter Star izokwakira Bs Dynamik ku kibuga Intwari
– Isaha icumi 16h00 , Bujumbura City izokwakira Kayanza United Ku kibuga Intwari.