Inkino

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 13

 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 na 06 Kigarama 2020, ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo igira 13 ariko ku migwi 5 yonyene bivanye n’uko imigwi ya Dynamik na Olympic Star izoba irindiriye Musongati na Messager Ngozi zirangize inkino zo gusubiza za CAF.

Urundi rukino rwungurujwe habaye umwumvikano ku mpande zose ni urwari guhuza Aigle Noir Sc hamwe na Athletico Academy bivanye n’igikombe ca Lac Tanganyika Cup zimirije kubera i Makamba ku kibuga ca Peace Park Pierre Nkurunziza .

Uku niko imigwi izohura:

ku musi wa gatandatu 05/12/2020

– Royal Fc izohura na Vital’o Fc I gitega ku kibuga c’ingoma isaha icenda 15h00

ku musi w’imana 06/12/2020:

– Muzinga Fc izohura na Rukinzo Fc ku kibuga c’intwari isaha icenda 15h00.

– Kayanza United izokwakira Bumamuru mu Kayanza ku kibuga c’igatwaro isaha icenda 15h00.

– Les Elephants Fc izokwakira Buja city mu Cibitoke ku kibuga Urunani isaha icenda 15h00.

– Flambeau du Centre izokwakira Inter Stars i Gitega ku kibuga Ingoma isaha icenda 15h00.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036