BurundiDevelopmentÉnergiekirundipersonal developmentUrwevuyouth

Urwevu: Ibanga atahandi uzorikura: Uburyo bw’uguhindura ibintu.

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo.

Nk’uko tubibona mu gitabo canditswe n’uwitwa ANTHONY ROBBINS citwa’ Aweken the Giant within “, turabona aho ashikiriza ko , kimwe mu vyogutuma uvyura igihangange kiri muri wewe , ari ugufata ingingo.

Aramenyesha y’uko intambwe ya mbere umuntu akora kugira ngo ashobore gushika kure ar’ugufata ingingo y’ugushika ku kintu. Nk’uko rero afatira ku kiringo c’imyaka cumi, araduhanura y’uko umwe wese yosubiza amaso inyuma akiyumvira uko yari ari mu myaka 10 iheze. Mbega uribuka uko wari? Mbega indoto zawe zari izahe? Mbega uko ubayeho uno musi inyuma y’iyo myaka cumi, ni uko wari wavyifuje?

Mu kiringo rero uriko uribaza ivyo bibazo, uzoheza uce ubona koko , ko ubuzima uriko urabaho uwu musi, budahuye n’ubwo wifuza. Eka mbere ntanuwovuga ngo ntibuhuye n’ubwo wifuza , kuko ntabwo wari wategekanije.

Ivyo rero bica biza guhura na wa mugani wa Basokuru bati” Winjira mw’ishamba utazi ugaca inkoni utazi”. N’ukuvuga ko winjiye mu kiringo c’imyaka cumi iheze utategekanije uko uzoba uri uwu musi, ari naco gituma rero ubu ushobora kuba uri aho utazi. Usa n’uwuriko aratwarwa n’umuyaga. Usa nk’uwakirije ibiganza uca ubwira imiyaga n’ibihuhusi vya buno buzima uti ndishikanye! Ivyo rero nivyo bikiriko birakuzungetana, bijana iyo bishaka.

Ariko rero na narirya umwaka uheze, aka niko kanya ufise k’ukwivyukiranya, ufate ingingo y’ico wifuza kuzoba uri mu myaka cumi, maze kugira bugingo uvyutse hose uze uribaza uti mbe nogira nte kugira nzobe ndi kirya kintu. Abahinga bamenyesha y’uko iyo umaze kugira umuco ukwiye kubijanye n’ico wifuza gushikako, ata nkeka gushikayo, kuko aho mu bwonko bwawe harimwo inguvu z’ukukujana iyo ushaka hose mu kiringo gusa umuco woba ukwiye( image mentale claire, clear mental picture).

NB: Nimba witwa Yohani gira uti ” Irabe neza, ugire uti, jewe  Yohani w’uwu musi ameze gutya na kuriya ( mw’ido n’ido rya vyose) ,mbega Yohani  w’inyuma y’imyaka cumi azoba ameze gute? Heza umucape, ufate akanya gakwiye, n’ukwezi, ugende uramucapa buhorobuhoro gushika aho uzomubona wewe mu bimugize vyose. Azoba afise ibiro bingana gute?; yambara gute? , agendana na bande? afise amafaranga angana gute? azoba yiyumva gute? Azoba agendera mu modoka imeze gute? …, n’ibindi n’ibindi.

Akabanga: Niwaheza kuronka isanamu rikwiye rijanye n’uwo wundi wewe uzoba wabaye; maze uzoheze uce wama uvuga izaburi ya 113 , gutyo kugira Imana izogufashe kugushikana aho handi wifuza. ( iri banga si iry’ukwirenganiza).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 513