Kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama gushika ku wa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama , ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi Primus league rizobandanya kundwi yaryo igira 15 kugira igice ca mbere gice kirangira. Uku niko imigwi izohura :
kuwa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2020:
– Isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari Vital’o Fc iza kwakira Aigle Noir Sc
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2020:
– Isaha indwi n’igice 13h30 , ku kibuga c’intwari Muzinga Fc izokwakira Kayanza United .
– Isaha icumi 16h00, ku kibuga c’intwari , Buja City izokwakira Messager Ngozi
– Isaha icenda 15h00, ku kibuga Ingoma , Flambeau du centre izokwakira Bs Dynamik
– Isaha indwi n’igice 13h30 ku kibuga c’intwari , Rukinzo Fc izokwakira Athletico Academy
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 20 Kigarama 2020
– isaha icumi 16h00 , ku kibuga Intwari , Inter Star izokwakira Olympic Star
– Isaha icenda 15h00, ku kibuga Ingoma Musongati Fc izokwakira Royal Fc
Ku musi wa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama 2020
– Isaha icumi 16h00 , ku kibuga Intwari Les Elephants izokwakira Bumamuru Fc