Inkino

Kwizera Eric yafashije Namungo Fc gutsinda Jamhuri aranatorwa nk’uwitwaye neza

 

Mu rukino rwiwe rugira kabiri rwa Mapinduzi Cup ahejeje gukina ari kumwe na Namungo Fc , Umukinyi w’umurundi Kwizera Eric Kirungo yitwaye neza aranatsinda igitsindo.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 09 Nzeo 2021 , niho umugwi Namungo Fc wakina urukino rwawo rugira kabiri rw’igikombe ca Mapinduzi Cup kiriko kibera i Zanzibar. Muri urwo rukino Namungo Fc ikaba yatsinze Jamhuri ibitsindo 2-0 .

Eric Kwizere Kirungo niwe yinjirije igitsindo ca mbere Namungo Fc ku munota wa 40 mugihe ica kabiri cinjijwe na Stephen Say ku munota wa 52 w’urukino.

Inyuma y’urwo rukino abatunganije iryo higanwa baciye batora umukinyi w’umurundi Eric Kwizera nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi abona guhabwa amafaranga ibihumbi 200,000 Tsh .

Kirungo urwo rukino rukaba ari urukino rwiwe rugira kabiri rwa Mapinduzi ahejeje gukina rw’igeragezwa akanitwara neza inyuma yo gukina urwaraye rubahuje na Yang Africans aho yabatsinze igitsindo 1-0.

Benshi bakaba batangaye kubona Namungo Fc ikinamwo abarundi nka Blaise Bigirimana , Nahimana Jonathan , Styve Nzigamasabo hamwe na Kirungo ikina inkino zibiri mu misi yikurikiranya.

Ku makuru twaronse ni uko Namungo Fc yari mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup mbere n’abateguye iryo higanwa bipfuza yuko iryo higanwa rirangira ku mwanya bari bategekanije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037