Inkino

# Indundi Sports | Breaking News : Fiston abdoulrazaq agiye gukinira Yanga Africans

 

 

Umukinyi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazaq ntakibarizwa mu mugwi NPPI wo muri Egypt.

ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye z’igihugu ca Tanzania zivuga y’uko umugwi Yang Africans waguze umusatiri w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazaq.

haciye akanya kurubuga ngukurana bumenyi rw’umugwi Yang Africans baciye baha ikaze uwo mukinyi mukwandika y’uko ari umuhinga mu gutsinda ibitsindo.

Indundi Sports tukaba twaciye turondera umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz kugira atubwire iyo nkuru ya Fiston nawe akaba yahavuye yemeza ayo makuru ariko ntiyigeze avuga ikiringo uwo mukinyi azomara muri uwo mugwi .

Fiston Abdoulrazaq akaba amaze gukinira imigwi itari mike yo mu bihugu bitandukanye vya Africa no muri Asia .

Agiye gusanga abandi barundi muri Yang Afircans nk’umumenyereza Cedric Kaze , Umumenyereza w’abanyegori Niyonkuru Vladmir hamwe na Saidi Ntibazonkiza.

Fiston Kwerekeza muri Yang Africans bizogira ico bimumariye bivanye n’uko mu mugwi NPPI wo muri Egypt nta kibanza yaronka co gukina kugira abandanye yiyerekana.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037