Inkino

# Indundi Sports | Sabumukama yafashije Napsa Stars kunganya na Forest Rangers

 

 

kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, umugwi Naps Stars ukinamwo abarundi babiri Mavugo Laudit hamwe na Sabumukama Enock wari wakiriye  Forest Rangers mu rukino rw’indwi ya 15 rw’ihiganwa ryo muri Zambia . Urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Sabumukama Enock urukino rwiwe rwa mbere akinira Napsa Stars yaciye afasha uwo mugwi kunganya na Forest Rangers mu gutsinda igitsindo ca mbere akaba yagitsinze ku munota wa 43 w’urukino.

 

Napsa Stars uri mu kibanza ca 16 n’amanota 11 ukaba uri mu migwi uri mu bibanza vyo gukoroka mu cicaro ca kabiri.

Mwomenya ko Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Mavugo Laudit nawe asanzwe akina muri uwo mugwi atashoboye gukina urwo rukino.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037