Inkino

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yoba aheraniwe na Yang Africans akaba ariyo mpamvu atabonega mu kibuga?

 

 

Abavuga ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yoba aheraniwe na Yanga Africans ikaba ari nayo mpamvu ituma atakiboneka  mu kibuga Sivyo.

ku makuru Manager w’umugwi Yanga Africans Hafi Saleh yashikirije yavuze yuko uwo mugwi ubuze abakinyi babo bashika kuri 4 bakomeye harimwo umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza , Michael Sarpong , Yacouba Sogne hamwe na Dickson Job.

Saidi Ntibazonkiza na Yacouba Sogne bakaba barwaye inyama zo kwitako mugihe Sarpong wewe arwaye ivi.

Bikavurwa ko abo bakinyi bose muri kino gihe babandanya bavurwa n’abaganga b’umugwi Yang Africans ninayo mpamvu batigeza bakina mu rukino rwa kivandimwe rwahuje Yanga Africans hamwe na Africa Sports.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037