IKIRUNDI_news

Kigingi yasezeye rwa rubuga rujako amashusho y’abigeme bambaye ubusa

Mugenzi Alfred Aubin ngo ibishirwa ku rubuga Kigingi Comedie abatari bake bari basanzwe bamenyereye ngo sivyo akunda, ariko n’ivyago vyamuguyeko. Ivy’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye imboneshakure Jimbere Magazine kuri uyu wa mungu.

Muri ico kiganiro, uwo mukinyi wa Comedie yamenyesheje ko yamaze gukora urundi rubuga azoza ashirako ibintu. Urwo rubuga nkuko twabashije ku bibona ku rubuga Facebook rukaba rwitiranywa n’urwo yarasanzwe akoresha, itandukaniro rihari n’abamaze kurukurikirana co kimwe n’ibimaze kujako.

Urwo rubuga rwa Kigingi rwari rumaze igihe kitari gito rukora, rukaba rwahuye n’ivyago vyo gutwarwa n’umuntu, noneho agashirako amashusho y’abigeme ajanisha mu busambanyi. Ayo mashusho nkuko bimaze kuboneka akaba afise intumbero yo gusunikira ababa babibonye kuja kuraba imbuga ziba ziriko zimenyekanishwa n’abo bagizi ba nabi.

Izo nkozi z’ikibi zikaba ariko zitagira ico zihindura ku bigize imbuga bigarurira atari ugushira ayo mashusho mu gice citiriwe Storie gusa, nayo ibindi vyose ukaba ushobora kubikoresha ukuri kwamye. Ikindi kandi nuko bitoroshe gukuramwo uwo muntu kuri urwo rubuga rwawe kuko nkuko twabibonye akoresha uruhusha uba wamuhaye mu kuguhindurira ico ujejwe (roles) noneho ukaba wiswe umukozi, mu gihe ariwe nyene urubuga.

Urwo rubuga nkuko twabashije kubibona hirya no hino ku mbuga z’ibihangange ndundi, rukaba rutatewe rwonyene, kuko hari n’abandi batandukanye barimwo nka Kabizi Boris nawe yatewe n’abo bagizi ba nabi, co kimwe n’abandi batandukanye bamaze guterwa.

Urwo rubuga rwa kigingi rushasha rukaba rumaze gukurikiranwa n’abantu badashika 5000, mu gihe urwo bamutwaye rwari rumaze gukurikiranwa n’abarenga 168,000 (Fellows) hamwe n’abarenga 68,000 (Likes).

Tubamenyesha ko abantu batwara izo mbuga ari abantu bemerera bene izo mbuga amafaranga atari make buri ndwi, ariko bakabasaba kuzoza babacishirizako kuri izo mbuga zabo ibintu bitandukanye baba bariko baramenyekanisha. Bamwe bakaba banashirako amashirahamwe atandukanye nka Adidas, Puma n’izindi ko bokorana. Abatari bake rero bagaca bagwa muri uwo mutego.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037