IKIRUNDI_news

Dj Jackson ngo naho Spotify yuguruye aha iwacu, ishobora no kwugara bidatevye

Abasanzwe bafise amashirahamwe asanzwe ashigikira anongera anakorana n’abaririmvyi kubwabo ngo kuba Spotify yashitse hano iwacu ngo ni ngirakamaro cane haba ku baririmvyi ubwabo, ku bafana babo, ariko kandi no ku gihugu. Ivyo n’ibishikirizwa na Dj Jackson mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine.

Muri ico kiganiro, uwo musahirizi w’abaririmvyi batari bake avuga ko ari ngirakamaro ku bafana kuko bagiye kuronka akaryo nabo ko kwumviriza zirya ndirimbo hafi nk’iz’isi yose ziri kuri urwo rubuga rwa Spotify. Ariko kandi ni ngirakamaro ku bafana kuko bagiye gutangura kuronka akaryo ko guhemba abaririmvyi babo kuko ari nabo bashebuja.

Dj Jackson muri ico kiganiro nyene, avuga ariko ko afise amakenga menshi ko urwo rubuga rushobora gufunga bidatevye hano iwacu kubera abazoshobora gukoresha urwo rubuga bazoba ari bake cane. S’ico gusa kuko ngo n’ikibazo kijanye n’ukuriha kugira wumvirize izo ndirimbo naco gishobora kuba ikibazo gikomeye cane, kiretse nibaba Spotify bariyumviriye ku buryo bwokworohera abarundi kuriha.

Dj Jackson akaba anagira ikibazo kijanye n’ibiciro bitandukanye vyashizwe n’urwo rubuga, kuko amafaranga uyashize mu marundi ari bake cane bashobora kwemera kuriha kugira babashe kwumviriza izo ndirimbo.

Uwo mutware akaba yaboneyeho akaryo ko gutumirira abaririmvyi bose guhaguruka bagashira indirimo zabo muri Spotify ku batari bwabikore, ngo nimba atavyo bazi ngo begere Bukiv Label ikigo asanzwe atwara kugira babashe kubereka uko bigenda. Ivyo akaba abivuga yisunze yuko n’abandi nka Tidal, Amazon, Deezer n’izindi basanzwe bakorera muri ico gisata co kugurisha umuziki ngo nabo bari inyuma kuko badashobora guharira isoko urwo rubuga rumwe gusa.

Ku muziki ndundi rero ngo umuzo w’urwo rubuga ni ngirakamaro kuko ata giturire abakunzi b’umuziki bahabwa, ngo bazoheza bihitiremwo umuziki bumviriza, ari naco gituma uwagize amahegwe akaririmbo kiwe kagakundwa, bizomuha umwanya mwiza wo gushirwa imbere na Spotify. Ico naco kikaba ari kimwe mu bikunda gusabwa b’abasanzwe baba bagomba gukoresha abo baririmvyi mu bikorwa bitandukanye.

Dj Jackson turangiza ico kiganiro akaba yamenyesheje ko bo amahera binjiza ari amafaranga make cane, ariko ngo imigambi yabo imwe imwe yaronse inyishu. Nayo hano iwacu ngo abaririmvyi bamaze kwubaka amazina agakomera cane nibo babasha kwinjiza amafaranga, nayo abasigaye batobato ngo kugira binjize na makeya ngo caba ari igikorwa gikomeye cane.

Mwomenya ko hano iwacu hari amashirahamwe amwe amwe yaransanzwe afasha abaririmvyi mu gushirako indirimbo zabo ku mbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zidandaza umuziki. Ico gihe umuririmvyi akaba atabasha kuronka amafaranga yose hamwe yaba yakoreye, kuko hategerezwa kuvamwo agafaranga ka nyene ico kigo cagufashije. None bizoca bihinduka? Abazungu bagize bati Wait and See (Reka tubihe akanya).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037