IKIRUNDI_news

Fleury yakoze ubukwe n’umukinyi w’amareresi akomeye i Kigali Bahavu Jeannette

Ndayirukiye Fleury azwi nka Fleury Legend kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27/2 niho yasezerana imbere y’Imana n’abantu n’umukunzi wiwe Usanase Bahavu Jeannette i Kigali mu Rwanda.

Amakuru dukesha ibinyamakuru nyarwanda nuko uwo muhinyanyuzi w’amasanamu w’umurundi abarizwa i Kigali urubanza rwiwe rwitabiriwe n’abantu baharurwa ku ntoke kubera batari barekuriwe gutumira abantu benshi. Imvo n’imvano n’ikiza ca Corona Virus  kuko hashinzwe amategeko y’uko abategura ubugeni mu Rwanda hari igitigiri c’abatumire badategerezwa kurenza.

Urwo rubanza rukaba rubaye inyuma y’amezi 2 barahagaritse ubwo bugeni bwabo inyuma y’ukwandikwa imbere y’amategeko muri ico gihugu nyene, aho hakaba hari mu kwezi kw’12.

Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo mu Rwanda abishikiriza, uwo muhinyanyuzi w’amasanamu Fleury Legend akaba agiye kubana n’umwe mu bakinyi bakomeye b’amareresi muri ico gihugu, akaba azwi mw’ireresi ryitwa City Maid, eka akaba kandi anazwi mu yindi inagezweho cane i Kigali ariyo Impanga Series, inakorwamwo n’abarundi batari bake mu mice itandukanye, irimwo abakinyi abategura n’abahinyanyura iryo reresi.

Ayo makuru dukesha ivyo binyamakuru nyene akaba avuga ko bose uko ari 2 bamenyanye mu mwaka wa 2015, ariko baza kuja muvy’Urukundo mu mpera z’umwaka wa 2016. ico gihe urwo rubavu rwa Fleury rukaba rwaheruka gutandukana n’uwundi musore w’umunyarwanda.

Nkuko ayo makuru nyene yabandanije abishikiriza ngo Fleury na Jeannette azwi cane nka Diane i Kigali, bamenyanye inyuma yaho amukoreye amasanamu y’ireresi ryiwe yariko arakora muri ico gihe.

Ico mwomenya co nuko Ndayirukiye Fleury i Kigali yamenyekanye cane kubera ugukora amasanamu y’indirimbo za Gospel, eka no gufata amasanamu y’imanza zitandukanye, ariko mu nyuma aza gutangura gukora amareresi atandukanye arimwo iyiswe Ca Inkoni izamba yakinywemwo abarundi n’abanyarwanda batari bake, noneho haza gukurikira iyo ya Impanga(Amahasa mu kirundi) Series muri kino gihe yatanguye guca ku mboneshakure y’igihugu c’Urwanda(RBA) mu gihe yahora ica ku rubuga rwa Youtube rw’iryo reresi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037