IKIRUNDI_news

Gasore ngo ashobora gushikirwa n’ivyatibaza n’ataba maso

Igitigiri c’amareresi ateganya gusohora buri ndwi ngo n’umurengera, ivyo ni bimwe mu bishikirizwa n’abasanzwe bakurikiranira hafi ama Comedie ya Gasore aheruka kumenyesha ko agiye gutangura gushira ku rubuga rwiwe rwa Youtube ama Comedie 3 buri ndwi. 

Uwo mukinyi wa Comedie yahora abarizwa mu mugwi w’abakinira Ihuriro Tv, yamenyesheje ku musi wa mungu igenekerezo rya 28/2 ko abakunzi b’ibikorwa vyiwe bagiye kuza babikura ku rubuga rw Youtube rwiwe. Aho n’inyuma yaho humvikaniye amakuru ko yoba agiye gusezera muri Ihuriro Tv.

Abatari bake babashije kugira ico bashikirije kuri urwo rubuga rwa Facebook ari naho yacishije iryo tangazo, babona ko uwo mukinyi ari wenyene uburyohe bwa Comedie ziwe butazoba bukiri bwa bundi nyene, bakabona ko yarakwiye kuba arikumwe n’abandi. Mubavuzwe hakaba harimwo jojo, co kimwe n’uwitwa Aridrama.

S’ico gusa kuko abasanzwe bamukurikirana babona ko ashizeko comedie 3 mu ndwi azoba ari nyinshi bishobora gutuma akanovera k’ayo ma Comedie gaheza kakagabanuka. S’ico gusa kuko banabona ko bazoca bamuhaga vuba.

Ntiharamenyekana niba yasezeye canke bagiye guhindura amasezerano ku buryo bahora bakorana, ariko ikimaze kuboneka co nuko Comedie ya Mbere yo yamaze gushirwa kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube rumaze gukurikirwa n’abarenga 21,000, nayo Video ya nyuma yaheruka kujako haraheze amezi 5.

Uwo musore rero akaba atabaye uwa mbere ashobora kuba akinjuye mu bakinyi bakinira Ihuriro Tv, kuko uwitwa Komanda nawe nyene yaheruka gukinjura akaja gushinga ivyiwe aho nawe urubuga yarwise Komanda comedy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037