IKIRUNDI_news

#Bernisse the Bell |Ni akahe gaciro k’umuririmvyikazi?

Umukenyezi ni kirumara mu muryango arateka, akarera,umwana,n’ibitumwako mu ndero y’ibibondo.

Yamara bamwe bati sivyo gusa arashoboye n’ubundi buzi butandukanye turamukeneye.

Akarorero mu buvuzi ,mu rudadanzwa,ubu chauffeur,kuririmba n’ibindi, n’ ibindi bagasaba gusa gushigikirwa.

Ni kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 03 Ntwarante isaha 12 (18h)zo ku mugoroba tubahamagariye gukurikirana ikiganiro tuzokorana n’umuririmvyikazi Bernisse the Bell asanzwe aserukira abaririmvyikazi mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi (amical de musicien).

Mwomenyako ari n’umuririvyikazi yitaho cane akaranga ndundi atuyagire vyinshi tutari tuzi mu mwuga wabo.

Ibibi, n’ivyiza bahura navyo azobishira ahabona.

Uwutarakora Subscribe kuri Indundi TV, yobikora akaca agirako na notifications kugira isaha igeze azoce aronka link y’ico kigabiro kizoba kiri Live kuri Chanel ya Indundi TV.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037