IKIRUNDI_news

R Flow ngo yaje aje

Tuvyemerane n’umuririmvyi wakera kandi ibikorwa vyiwe birashimwa kumazina yiwe yose azwi kwizina rya Riche Florin Kadjimunda

Yaramamaye cane mu murwi wa The Cousin, aho ubu umengo utakivurwa benshi bibaza ko woba warasambuwe n’urukundo, wari uhurikiyemwo R flow, Bamson, Channy Oueen.

Uti rero ninde nande bari mu rukundo mu nyuma rurarangira?

Ikibazo nibaze ko wagitoreye inyishu nimba uri umukunzi w’umuziki ndundi.

Mu mwaka w’2015 niho R Flow yakubitira mu gihugu kibanyi c’Urwanda yakora karaoké muri Jazz Band, ubu akaba ariwe abarizwa mu gihugu c’Uburundi

Ko azosubira mu Rwanda canke azobandanya karaoké, nivyo bibazo Indundi Magazine yashatse kuronkera inyishu.

Nawe ati: “ubu nagarutse muhira mu gihugu canje kandi Imana imfashije ndashaka kubandanya karaoké.

Ryari azotangura? mu murwi uwahe?

Turi aha kubwanyu muduhe amaso n’urukundo nivyo tubasaba abakunzi bacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037