Inkino

# indundi Sports | Urukino rw’ Intamba mu rugamba na Centrafrique rwoba rushobora kutabera mu gihugu?

Inyuma yaho CAF yankiye ibibuga bimwe bimwe vyo muri Africa bidakwije ibisabwa kwakira inkino Mpuzamakungu, Uburundi nabwo bushobora kutakira urukino ruzobuhuza na Centre Africa ,bivanye nuko ibibuga vyo mu gihugu bidakwije ibisabwa.

Mu kiyago gito twakoze n’icegera ca kabiri c’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Moustapha Samugabo yatumenyesheje ko bigoye ko CAF itwemerera ko twakira inkino Mpuzamakungu bivanye n’ivyo isaba n’ingene ibibuga biri mu Burundi vyubatswe .

Moustapha Samugabo akaba yasubiye abwira Indundi Sports y’uko CAF yanse y’uko ikibuga Intwari cakira inkino mpuzamakungu ariko guca berekeza amaso ku kibuga Urukundo kiri mu Ntara ya Ngozi , aho bamaze kurungikira CAF amasanamu y’ico kibuga mu kuba barindira inyishu yemeza ko gishobora kwakira inkino Mpuzamakungu canke kidashobora kwakira izo nkino.

Mwomenya ko biramutse bishika CAF ikanka ico kibuga Urukundo c’ingozi , urukino rwo kurondera itike yo kwitabira CAN 2022 ruzoduhuza na Republic Centrafrique rushobora kuba mu kindi gihugu na cane cane mu gihugu ca Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037