IKIRUNDI_news

Ng’ibi ivyabaye inyuma y’ibura rya Hmmm ya Ado Josan na Big Fizzo kuri Youtube  

Gushika kuri ino saha nta muco uratangwa yaba na Big Fizzo co kimwe na Ado Josan ubwiwe ku mpamvu zatumye indirimbo yabo, Hhmmm, ibura ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi Ado Josan umwanya utari muto.

Inyuma yaho iburiye ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi, amakuru yahavuye aba menshi, abantu batangura kuvuga ko uwo muririmvyi yoba yafashe ahorwa amajambo, inyambaro canke intambo ziboneka muri iyo ndirimbo. Ivyo bikaba vyanashimangirwa n’ama Statues ya Whatsapp y’umuririmvyi Big Fizzo yariko aracanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi, ahi Big Fizzo yasa n’uwidogera abaterekwa ibikorwa bimwe bimwe vy’abaririmvyi.

Ariko naho hibazwa ivyo bintu mw’ijoro ry’uwa 3 ntwarante(3), iyo ndirimbo yahavuye isubira kuboneka akanya gato kuri urwo rubuga, aho hari igihe c’isaha zitanu z’ijoro, ariko inyuma gato kandi irasubira irabura. Ico gihe ikaba yarigeze kuri Views 29,000 mu misi 2 gusa.

Mwi’ijoro ry’uwa 4 ntwarante(3), nukuvuga umwanya muto inyuma y’ukubura kandi, urwo ruririmbo rukaba rwahavuye rwongera kandi rusubizwa ku murongo. Ivyo bikaba vyatumye abantu batangura kubona ko ivyabaye vyose bishobora kuba wari umugambi w’ukugira abantu bavuge ko yakuweko, noneho igarutse ibashe kuronka abayikurikirana ku bwinshi.

Ibura ry’uwo muziki ku rubuga rwa Youtube rikaba ryatumye abatari bake bari bamaze gushira ako karirimbo mu duhamagazo twabo, noneho bafata ingingo yo gusubiza ako karirimbo ku rubuga rwa Youtube ariko amashusho atameze neza nk’ay’iyo yari yakuweko.

S’ico gusa kuko kuva iyo ndirimbo isubira kandi kubone kuri urwo rubuga, Youtube yerekana ko mu biri muri iyo ndirimbo harimwo ibintu bishobora kuba biriko biradandazwa canke bimenyekanishwa.

Mwomenya ko iyo ndirimbo Hmmm ya Ado Josan na Big Fizzo imaze kurenza abantu 45,000 kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube, aho ni mu misi 4 gusa ishizwe ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037