IKIRUNDI_news

King Plata ngo kuzima kwiwe abona ko ari ishari bamufitiye

Nahimana Platini benshi bamuzi kw’izina rya King Plata, kw’igenekerezo rya 09Ntwarante 2021 akaba yari aramutse ahimbaza isabukuru y’amavuko yiwe y’imyaka 33.


Indundi Magazine mu ku mwifuriza isabukuru yiwe(anniversaire), ikaba yashimye ku mubaza imvo nyezina ibikorwa vyiwe bitakiboneka nka kera, akaba yishuye atarya umunwa aho avuga ko abari bajejwe kwamaza ibikorwa vyiwe batakimuha akanya n’ijambo, nayo abajijwe impamvu akaba yashikirije ko yoba yibaza ko ari inzigo(ishari) bamufitiye canke boba bashaka aka noti atagira.

Murico kiganiro akaba yakengurutse ko indundi imwibutse, akizera ko n’ abandi bazomwibuka, anagirako atubwira uko ibikorwa vyiwe vyifashe muri kino gihe aho amenyesha ko vuba agiye kurekura indirimbo zi 6(audio, et video), bikaba bitazoherera kuzikora gusa, ahubwo ashaka no kuzunguruka igihugu yamamaza ico gikorwa ndetse no gukura ibiteramo bitandukanye.
Indundi Magizine ikabandanya imwifuriza isabukuru y’amavuko yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037