IKIRUNDI_news

#AMB|Romeo|arahanura yongera agabisha ko ibihano ku baririmvyi batukana bibarindiriye

Mu kiganiro yakoranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, Romeo aramutswa ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi(Amical des Musiciens) kw’ igenekerezo rya 14 Ntwarante yakangurira abaririmvyi n’aba ririmvyikazi kuza kwiyandikisha kuko bagiye guhagarika kwandika.

 

Yashimiye abamaze kw’iyandikisha yibutsa abatariyandikisha ko gushika igenekerezo rya 20 Ndamukiza bizoba bihagaze.

Imvo nayo akaba ari uko bazoba bariko bategura amatora nyezina yo gushiraho uwuzorongora iryo shirahamwe,
bakabikora mu ntumbero yo kworohereza abategura amatora kugira bategure neza urwo rubanza.

Yongeye arasaba abamenyeshamakuru kutenyegeza umuriro ahubwo baze basukamwo mabisi aho gukora amakuru aturira mu ntumbero yo kudugira mu bibazo vy’abaririmvyi.

Yarangije asaba Leta Muvyeyi w’abarundi bose kwibuka abaririmvyi ko nabo inzara iri mukubicira mu bana barabe ingene babasubiza ku kivi nk’abandi aho akaba avuga ibiteramo.

Banasavye Leta nyene ko bakwishikira muri OBDA bakabarabira uko iryo tongo ryabo ritunganijwe kuko imyaka ibaye nka10 abakozi bahembwa ariko abanyabuhinga badatunganirizwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036