IKIRUNDI_news

Nice Sky na Divana aba EX ba Alvin Smith ntibamuvugako rumwe

 

Mu gihe Nice Sky yaheruka kumenyesha ko yicuza cane kuba yaramenyanye na Alvin Smith, uwundi mwigeme bagendanye, banaronse hamwe ikibondo ngo we ntiyicuza kuba yaragendanye nawe, kandi ngo nta n’ikibi amwipfuriza.

Mu kiyago n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Youtube, umwigeme Davina yabajijwe kuri Alvin smith nimba nawe adakunda ivyo akora nkuko uwundi bagendanye abishikiriza.

Davina avuga ko uwavuze ko adakunda ivyo akora ngo nawe nyene s’umwere kuko afise amashusho atari meza yashize hanze haraheze imisi. Nayo Alvin we ngo ivyo akora n’ibisanzwe kuko ari umukazi gusa, ngo ivyo yereka abantu ni Comedy yonyene.

Divana yanabajijwe ku mpamvu yatumye atambikwa impeta na Alvin, aho bamwe bavuga ko ari kubera atagira amafaranga nka Nirna. Yishuye ko ivyo atarivyo, kuko ngo Nirna ariwe yari yandikiwe kwambikwa impeta n’uwo musore, mu gihe we yateguriwe uwundi. Akaba yanagiriyeko amukeza kuko ngo iyo ari intambwe itegwa na bake mu baririmvyi ba hano iwacu.

Muri ico kiganiro na Juste, Divana yabandanije abazwa kubijanye n’uko Alvin atagifise uburenganzira bwo kuja kuraba umwana wiwe, yamenyesheje ko arivyo, ariko avuga ko bitabavuyeko ko vyavuye ku miryango, ariyo itabishimye. Yanagiriye abeshuza amakuru ko yoba adafasha umwana.

Mwokwibuka ko Alvin Smith yaheruka kumenyesha ko afise abana 2 b’abahungu, ko ari ibishoboka ngo yipfuza kunavyara uwundi kuri Nirna ariko apana umukobwa, ngo kuko kubwiwe adashaka ko uwiwe akorerwa nkivyo yakoze akiri muto, ariko ngo n’aramuka amuronse, azomucunga nk’uwucunga amabuye y’agaciro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036