Inkino

Nzeyimana Philippe yitezwe kuboneka ubwa mbere mu myimenyerezo y’intamba

Umukinyi w’inyuma w’umugwi Academisk uri mu cicaro ca kabiri mu gibugu ca Danemark Nzeyimana philippe yamaze gushika mu Burundi mu ntumbero yo kwitegurira inkino zibiri zo kurondera itike ya CAN 2022 zigiye kubahuza na Centrafrique hamwe na Maroc .

Mu kiganiro Indundi Tv yakoranye na Team Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yavuze y’uko Nzeyimana Philippe yasavye umugwi wiwe kuza hakiri kare kugira abe aramenyera ikirere co mu Burundi.

Philippe akaba aheruka gukina mu rukino rwa kivandimwe rwahuje Intamba mu rugamba na Tanzania mu mwaka uheze , mugihe mu nkino zibiri zo kurondera itike ya CAN 2022 zaduhuje na Mauritania uwo mukinyi atigeze ahonyoza ikirenge mu kibuga mugihe yari yahamagawe bivanye n’uko mu rukino rwo gutangura yari yagize ububabare mugihe urwo gusubirizwa yari yasanganywe umugera wa Covid -19 .

Akaba rero aza kuboneka ubwa mbere mu myimenyerezo y’intamba mu rugamba yo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 Ntwarante iza kubera ku kibuga c’ubuhinga CTN kiri mu ngagara igihe c’isaha icenda 15h00.

Mwomenya y’uko mu bakinyi bakina hanze y’igihugu bamaze gushika ni Saido Ntibazonkiza yari amaze imisi ari ngaha mu gihugu hamwe na Philippe Nzeyimana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036