East Africa NewsAkes DonEntertainmentMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Butera Knownless mu gisirikare

Iyaja kutaba umuririmvyikazi, Butera Jeanne benshi bazi nka Knowless ngo yari kuba umusirirkare.

Hamenyekanye akandi kazi Butera Jeanne benshi bazi nka Knowless yari gukora iyo ataba ari umuririmvyi. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Clement mu kiganiro yagiranye na Mugenziwacu akorera mu gihugu kibanyi c’Urwanda Davy Carmel.

Muri ico kiganiro kigize igihe gikunzwe cane i Kigali, le Mirroir, Davy yabijije uwo mushingantahe wa Butera ico uwo mutambukanyi wiwe abona yari gukora iya ataja kuba umuririmvyikazi.

Uwo mushinganthae wiwe asanzwe ari n’umuhinyanyuzi akaba n’umusahirizi wiwe, manager, yavuze ko uwo muririmvyikazi rurangiranywa mu Rwanda ngo yari kuba umusirikare.

Aho ni mu gihe uwo muririmvyikazi amaze gukora ivyirwa vyigishwa abanyarwanda batandukanye aho bamara igihe bariko biga ivy’ugukunda igihugu cabo, kandi aho nyene bikavurwa ko banamara igihe bari ku ndero ya gisirikare.

Uwo muririmvyikazi kandi aramaze kuboneka yambaye impuzu za gisirikare, kandi akanatumirwa akatari gake kuririmbira abasirikare.

Mwomenya ko bivurwa ko uwo muririmvyikazi ari mu banyarwanda baburiye ababo mw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 350