IKIRUNDI_news

Christiana Laly Gomez yumvise akamo k’umukuru w’igihugu ahamvya abandi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyakubwahwa Evariste Ndayishimiye ntahengeshanya gusemerera abwira abantu ko bakwiye kwijukira kurondera uburyo bwo kwiyungunganya, kuko Leta ubwabo idashobora gufasha abarundi bose ngo ibahe akazi, na cane cane Urwaruka.

Mu rwaruka, hari abamaze guca ubwenge, bagatangura kugira ivyo bakoze ngo bikunde ejo habo hazobe heza, na rirya bavuga ko Urwaruka arirwo Burundi bw’ejo. Muribo harimwo uwitwa Christiana Laly Gomez yamenyekanye cane kubera ama video atwenza agize igihe akora, we yaramaze gutahura ko imbugahwaniro (Sociaux Media) zishobora kumwinjiriza amafaranga kandi atari make.

Mu mezi aheze, yabonetse ashira ahabona urupapuro (Cover) aho yamenyesha abantu ko hari ikiganiro (Show) agiye kuza arashira ahabona. Ico gikino ciswe A Nous La Maison, cabonetsemwo umukinyi w’amareresi akaba n’umuririmvyi Alvin Smith basanzwe ari n’incuti za hafi, gihagaze ku muryango w’abana bibana batarikumwe n’umuvyeyi wabo kuko ari mu mahanga mu kazi.

Aganira n’ikinyamakuru Siren Vibe, uwo mwigeme yabwiye umumenyeshamakuru Hosy Irakoze ko imvo nyezina yatumye ashima gushinga ico gikorwa kwari ukugira yerekane uburyo abana bamwe bamwe hano mu gisagara babayeho, ariko kandi ngo yanashaka ko anagira ico aronse kija ku mufuko.

Inyuma y’ico gikino «A Nous La Maison» gisigaye kirabwa n’abatari bake kuri urwo rubuga rwa Youtube rufise izina ʺChrislamezshowʺ, ubu naho azanye ikindi kiganiro yise “Dans la Cuisine”. Ico kiganiro naho naco kizoca kuri urwo rubuga rwa Youtube asanzwe acishako ico gikino ca “A nous la Maison”, ngo bizoba bitandukanye nkuko yabandanije avyerekana.

Acishije ku rubuga rwa Instagram rwiwe narwo ruharurwa mu zikunzwe ngaha iwacu, rugeze ku barenga 13 000, Christiana Lamez yavuze ko muri ico kiganiro ʺ Dans la Cuisineʺ atazoba ariko yigisha gukinjika nkuko bamwe bamwe bovyibaza, ariko ngo igikoni azocitiza aganira n’ibihangange hano iwacu ibibazo bitandukanye bibahanze. Muri ico kiganiro ariko ngo bazokinjika.

Christiana akaba atari wenyene mu basore n’inkumi bamaze gufata iya mbere mu guha ubuzi abandi kugira bakore ibi na biriya, kuko incuti ziwe za hafi nka Alvin Smith, yamaze nawe gutangura gukinisha acishije ku rubuga rwiwe rwa Youtube urukino rwa Comedy nawe abonekamwo, co kimwe na Mow kanzie we yamaze kubigira umwuga, kuko ageze ku rubuga rwa Youtube rugira 2 yise Mow kanzie Network narwo azocishako ikiganiro azogirana n’abatari bake mu banyabuhinga hano iwacu, ngo bacire agace abantu ico bashitseko n’inyigisho boshikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036