IKIRUNDI_news

Esther Nish : Ntibikiri urukurukuru iryavuzwe riratashe

Ni mu gihe yari indirimbo ibaye iya mbere yari asohoye ata masanamu isohokanye, kugira tuyimenye twaramubajije Esther Nish ubwiwe nawe ati:”ni nyungu yanje tubanze tuyumve kuri audio hanyuma turekure na video duce tuyegeranya rero neza”, aho ni mugihe zirabwe ku bwinshi umuririmvyi aca aharonkera akoyoko.

“Come see Afrika” niryo zina ry’iyo ndirimbo hari inkuru zavuzwe ko amasanamu yayo ingene yokorwa uburyo bisaba nivyo vyatumye uwo muririmvyi avavanura n’uwobasanzwe bakorana (manager Bukiv Label) irongowe na Jackson, ariko ku makuru twaheruka kubashikiriza mwarumvise ko biyemereye ko habaye gushamirana ariko vyamaze akanya urume rumara aho batanashimye kuvuga icari caba cabacanishijemwo.

“Twongere dusubire kukivi dukore” niyo majambo yakoresheje Esther Nish arongera aremeza ko ubu ashimye uko bitunganije ngo ni amahoro masa we na label yiwe
na video ko igiye gukorwa
bitakiri urukurukuru.

Rero amafoto agaragaza ko video yatanguye gukorwa yashizwe ahabona
izosohoka ryari video?
bandanya urikumwe natwe nico twiyemeje tuzobigushikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037