Inkino

Jospin na Kadogo ntibagiye muri Maroc kumvo za Passeport zabo

Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yemeje y’uko abakinyi babiri b’intamba mu rugamba aribo Nshimirimana Jospin hamwe na Nimubona Emery Kadogo batashoboye gushika mu gihugu ca Maroc.

Imvo yatumye abo bakinyi badashika mu gihugu ca Maroc ni uko basanze nimero bashize kuri Visa zabo zidahwanye na Passeport zabo ivyatumye abo bakinyi basubizwa mu Burundi .

Mwomenya y’uko Uburundi buzotana mu mitwe na Maroc kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Ntwarante 2020 , igihe c’isaha zitatu z’ijoro mu masaha ya hano iwacu , bukaramuka butsinze bushobora kuronka amahirwe yo kwitabira CAN bivanye n’icoba cavuye mu rukino ruzohuza Centrafrique hamwe na Mauritania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037