IKIRUNDI_news

Mow Kanzie batazira Mama Ndapfuha ikibazo c’uwo bazovyarana yagikemuye

Abazungu barayamaze ngw’ijoro rizana impanuro, Monna walda iciyumviro c’ukudashaka kurongorwa ngo ntikiramuheramwo burundu, ariko aracasenga ngo abone ko umukama yomurongora mu nzira nziza izotuma yiyumvamwo kurongorwa.

Uwo muririmvyi wa “Ndapfuha” baheruka gukorana na Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ngo iciyumviro c’ukudashaka umugabo bazobane ubuzima bwabo bwose nkuko mw’isengero bavyemeza iyo bahezagirirwa kuzogira urugo ruhire, yaratanguye kukigwanya akoresheje amasengesho n’ukwizera umukama.

Ico ciyumviro yatanguye kukigwanya inyuma y’ukuvyiyumvirako neza, asanga ibibazo n’ibikomere afise bitotuma afata ingingo ruhasha nkiyo yaheruka kumenyesha mu biganiro bitandukanye yaragize igihe akora mu mwaka wa 2020, nkuko yabiyagiye imwe mu mboneshakure zikorera ku muhora wa Youtube. Ingingo Monna yafashe n’ukubisengera kuko gushika ubu nkuko yabiyagiye Siren Vibe ngo ntikaramuheramwo neza.

Monna naho icipfuzo c’ugushaka kuzorushinga catanguye kumumeramwo, abasore bo baguma bamuca mu myanya y’intoke kuko n’uwo yari yaragize ibanga muri uno mwaka, yaraye aciye akagozi amwereka ubworo bw’ikirenge. Ivyo akaba yaheruka kubishikiriza ku rubuga rwa Twitter aho yariko yishura icotuma umuntu abura akayabagu ariko arafungura.  Noneho nawe aba afise akarorero ka hafi, aca abishira mu nyandiko.

Monna Akaba yaheruka kumenyesha ko naho aboneka nk’uwihagararako mu rukundo ntacira no hasi, kuko uwo baba barikumwe mu rukundo ico avuze nico akurikiza, gushika urukundo rwabo ruhagaze nk’umutima, noneho akigobotora mu kwaha kw’uwo musore.

Muri ico kiganiro na Hosy Irakoze aheruka gukora, uwo muririmvyikazi akaba yamenyesheje ko naho ahebwa nawe agaheba abandi, ntibikunda ko ashobora kuguma hirya y’urukundo. Uwo muririmvyikazi avuga ko igihe kirekire amaze kuba atari mu rukundo ari amezi 6 gusa, ico gihe nahone hari kubera yaragikunda uwo muhungu, ntivyari bwakunde ko amwikuramwo.

Monna muri ico kiganiro kandi yanavuze ko imvo nyamukuru ituma ata kanya kaba hagati y’umusore n’uwundi, n’ukugira yiyibagize uwo bahorana. Ico gihe bigaca bituma ahitamwo umusore ari muri benshi baba bamurondera, binashoboka ko baba baje batamwipfuriza ineza ya cane, ariko baraba inyungu zabo gusa.

Mow Kanzie akaba ahebwe n’umusore ata muntu yaramuzi atari incuti ziwe za hafi, uwari yamenyekanye cane akaba yari Sage wise yashinze Rockstone Kingidom. Iyo Rockston ikaba ari nayo yamushigikiye mu gushira ahabona akaririmbo ka mbere yahereyeko, imbere yuko akorana “Ndapfuha” na Kidum muri Kenya aho bayikoze mu kwezi kw’12 mu mwaka wa 2020, hakaba hari haheze amezi hafi 3 kataraja ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036